Check out the new design

แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี * - สารบัญ​คำแปล

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ สูเราะฮ์: Hūd   อายะฮ์:
قَالَ يَٰنُوحُ إِنَّهُۥ لَيۡسَ مِنۡ أَهۡلِكَۖ إِنَّهُۥ عَمَلٌ غَيۡرُ صَٰلِحٖۖ فَلَا تَسۡـَٔلۡنِ مَا لَيۡسَ لَكَ بِهِۦ عِلۡمٌۖ إِنِّيٓ أَعِظُكَ أَن تَكُونَ مِنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ewe Nuhu! Umuhungwawe burya ntari mu muryango wawe Nagusezeraniye kuzorokora, kubera ko yaranzwe n’ibikorwa vy’igarariza ryiwe. Kubera ivyo rero, ndakwihanije kunsaba ivyo udafitiye ubumenyi, mu vy’ukuri Jewe Allah Ndaguhanura kugira ntube mu bantu b’inshirasoni batazi ivyo basaba”.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَعُوذُ بِكَ أَنۡ أَسۡـَٔلَكَ مَا لَيۡسَ لِي بِهِۦ عِلۡمٞۖ وَإِلَّا تَغۡفِرۡ لِي وَتَرۡحَمۡنِيٓ أَكُن مِّنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Nuhu yahavuye rero atakambira Imana Allah, avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ndakwikinzeko unkingire kugusaba ivyo ntafitiye ubumenyi; nutambabarira rero ivyaha, Ukangirira impuhwe, ni ukuri nzoba mu bahomvye ubuzima bwabo”.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
قِيلَ يَٰنُوحُ ٱهۡبِطۡ بِسَلَٰمٖ مِّنَّا وَبَرَكَٰتٍ عَلَيۡكَ وَعَلَىٰٓ أُمَمٖ مِّمَّن مَّعَكَۚ وَأُمَمٞ سَنُمَتِّعُهُمۡ ثُمَّ يَمَسُّهُم مِّنَّا عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ni ho Imana Allah Yabwira Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iti: “Ururuka ubwato mw’ituze, mw'iteka n’itekane bivuye kuri Twebwe Allah, uheze ubeho mu migisha y’ingabirano Twaguhundagajeko, wewe n’imigwi y’amoko y’ibiremwa izokomoka ku biremwa muri kumwe. Hari n’iyindi migwi y’intumva mu biremwa, Tuzoha kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo, hanyuma Tuyihe ibihano bibabaza ku musi w’izuka”.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
تِلۡكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ ٱلۡغَيۡبِ نُوحِيهَآ إِلَيۡكَۖ مَا كُنتَ تَعۡلَمُهَآ أَنتَ وَلَا قَوۡمُكَ مِن قَبۡلِ هَٰذَاۖ فَٱصۡبِرۡۖ إِنَّ ٱلۡعَٰقِبَةَ لِلۡمُتَّقِينَ
Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira. Yaba wewe kibure abantu bawe, nta wigeze azimenya imbere yuko Tuzikubwira. Kubera ivyo rero, ihanganire ihakana n’ibangamira ry’abantu bawe; nk’uko n’Intumwa zo hambere yawe zihanganye. Mu vy’ukuri, iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
وَإِلَىٰ عَادٍ أَخَاهُمۡ هُودٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۖ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا مُفۡتَرُونَ
Twararungikiye na Bene Aadi mwenewabo Huudi, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, burya mwebwe nta co muri kiretse ko murementanya mu gusenga ikitari Imana Allah;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
يَٰقَوۡمِ لَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ أَجۡرًاۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَى ٱلَّذِي فَطَرَنِيٓۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Bantu banje! Nta ndishi ndabasaba kw’irarikiramana ryanje ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana yanje Yandemye Allah. Mbega ntimugira ubwenge ngo mushobore gutandukanya ukuri n’ikinyoma!;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
وَيَٰقَوۡمِ ٱسۡتَغۡفِرُواْ رَبَّكُمۡ ثُمَّ تُوبُوٓاْ إِلَيۡهِ يُرۡسِلِ ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡكُم مِّدۡرَارٗا وَيَزِدۡكُمۡ قُوَّةً إِلَىٰ قُوَّتِكُمۡ وَلَا تَتَوَلَّوۡاْ مُجۡرِمِينَ
Bantu banje! Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwigaye kuri Yo ivyaha vyanyu. Nimwicisha bugufi rero ku Mana Allah, Izoca Ibamanurira imvura y’urutavanako murime mwimbure, Yongere Ibongerereze inkomezi ku nkomezi musanganwe mu kurondoka; ntimuzogenze umugongo mu kuba abanyavyaha”.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
قَالُواْ يَٰهُودُ مَا جِئۡتَنَا بِبَيِّنَةٖ وَمَا نَحۡنُ بِتَارِكِيٓ ءَالِهَتِنَا عَن قَوۡلِكَ وَمَا نَحۡنُ لَكَ بِمُؤۡمِنِينَ
Abantu biwe bamwishuye bati: “Ewe Huudi! Nta cemezo uratwereka kigaragaza ukuri ku vyo uturarikira, kandi rero na twe ntiturota duheba gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ryawe, eka ntitunarota tukwemera;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ สูเราะฮ์: Hūd
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี - สารบัญ​คำแปล

แปลโดย ยูซุฟ ฆะฮีตี. จัดพิมพ์โดย มูลนิธิแอฟริกาเพื่อการพัฒนา

ปิด