Check out the new design

แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี * - สารบัญ​คำแปล

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ สูเราะฮ์: Hūd   อายะฮ์:
إِن نَّقُولُ إِلَّا ٱعۡتَرَىٰكَ بَعۡضُ ءَالِهَتِنَا بِسُوٓءٖۗ قَالَ إِنِّيٓ أُشۡهِدُ ٱللَّهَ وَٱشۡهَدُوٓاْ أَنِّي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ
Nta co tworonka tukubwira, kiretse ko imana zacu zaguhuganiye ugakeherwa n’ubwenge”. Huudi araheza abishura ati: “Jewe mu vy’ukuri, Icabona canje ku vyo mvuga, ni Imana Allah, na mwe nyene ndabagize ivyabona ko nitandukanije n’ivyo muyibangikanya”;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
مِن دُونِهِۦۖ فَكِيدُونِي جَمِيعٗا ثُمَّ لَا تُنظِرُونِ
Muyibangikanya n’ibigirwamana bikaba biciye kubiri n’icubahiro cayo. Kubera ivyo rero, nimukoreshe urwenge mwese hamwe n’ibigirwamana vyanyu mu kunkorera ikibi, hanyuma ntimundindirize na gato mutaranyirahira;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
إِنِّي تَوَكَّلۡتُ عَلَى ٱللَّهِ رَبِّي وَرَبِّكُمۚ مَّا مِن دَآبَّةٍ إِلَّا هُوَ ءَاخِذُۢ بِنَاصِيَتِهَآۚ إِنَّ رَبِّي عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Mu vy’ukuri, jewe nishimikije Imana Allah kandi ndayizeye, nta conshikira Itakirekuye, ni Yo Mana yanje Ikongera Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi kiretse ko ari Yo Rugaba waco. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyeninzira igororotse[9]”.
[9] Ishira mu ngiro ibitunganye, Ikabwiriza ibitunganye, Igashinga amateka atunganye. Ihembera umugwaneza ubugwaneza bwiwe, Ikanahanira n’umunyavyaha ivyaha vyiwe.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُم مَّآ أُرۡسِلۡتُ بِهِۦٓ إِلَيۡكُمۡۚ وَيَسۡتَخۡلِفُ رَبِّي قَوۡمًا غَيۡرَكُمۡ وَلَا تَضُرُّونَهُۥ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ رَبِّي عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ حَفِيظٞ
Nimwagenza umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, ni ukuri ahanje naramaze kubashikiriza ubutumwa narungikanwe n’Imana Allah. Nimutemera rero mugasenga Imana Imwe Rudende Allah, Imana yanje Rurema Allah Izobahonya, Iheze Ibasubirize abandi bantu bayigamburukira, eka nta n’ico muzoyitwara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
وَلَمَّا جَآءَ أَمۡرُنَا نَجَّيۡنَا هُودٗا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ بِرَحۡمَةٖ مِّنَّا وَنَجَّيۡنَٰهُم مِّنۡ عَذَابٍ غَلِيظٖ
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Aadi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Huudi n’abemeramana bari kumwe, Tubakiza ibihano bikaze vyashikiye Bene Aadi.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
وَتِلۡكَ عَادٞۖ جَحَدُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ وَعَصَوۡاْ رُسُلَهُۥ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَمۡرَ كُلِّ جَبَّارٍ عَنِيدٖ
Ng’abo rero Bene Aadi mwumva bahakanye Aayah z’Imana yabo Rurema Allah bagabitaniriza n’Intumwa zayo, baraheza bumvira amabwirizwa y’umuntu wese atwaza igikenye, yishima, w’intumva;
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
وَأُتۡبِعُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا لَعۡنَةٗ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَآ إِنَّ عَادٗا كَفَرُواْ رَبَّهُمۡۗ أَلَا بُعۡدٗا لِّعَادٖ قَوۡمِ هُودٖ
Bakurikijwe n’imivumo y’Imana Allah kuri iyi si. Ku musi w’izuka naho, bazoshavurirwa n’Imana Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Aadi baragararije Imana yabo Rurema Allah, bahakana bivuye inyuma n’Intumwa zayo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Aadi barungikiwe Huudi.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
۞ وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ هُوَ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَٱسۡتَعۡمَرَكُمۡ فِيهَا فَٱسۡتَغۡفِرُوهُ ثُمَّ تُوبُوٓاْ إِلَيۡهِۚ إِنَّ رَبِّي قَرِيبٞ مُّجِيبٞ
Twaranarungikiye Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, araheza arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni Yo Yabaremye mw’ivu mu kurema so wanyu Adamu, Iraheza Ibaha ububasha bwo gutunganya no guteza imbere isi. Kubera ivyo rero, nimuyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah Iri hafi y’umusenzi, Yumvira uwuyisavye.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
قَالُواْ يَٰصَٰلِحُ قَدۡ كُنتَ فِينَا مَرۡجُوّٗا قَبۡلَ هَٰذَآۖ أَتَنۡهَىٰنَآ أَن نَّعۡبُدَ مَا يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَا وَإِنَّنَا لَفِي شَكّٖ مِّمَّا تَدۡعُونَآ إِلَيۡهِ مُرِيبٖ
Bene Thamuudi bavuze bati: “Ewe Swalehe! Ni ukuri, wahora uri umuntu w’umwizigirwa n'umwubahwa, imbere yuko uturarikira gusenga Imana Imwe Rudende. Ubu rero, karashize ingani, wubahuke kutubuza gusenga imana zasengwa n’abavyeyi bacu! Ni ukuri, turafise amakenga menshi ku vyo uturarikira ko twosenga”.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ สูเราะฮ์: Hūd
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี - สารบัญ​คำแปล

แปลโดย ยูซุฟ ฆะฮีตี. จัดพิมพ์โดย มูลนิธิแอฟริกาเพื่อการพัฒนา

ปิด