የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቡሩጅ   አንቀጽ:

SURATU L-BURUUJI

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡبُرُوجِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡمَوۡعُودِ
No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَشَاهِدٖ وَمَشۡهُودٖ
No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!
[1] Imana Allah, Irahira ku co Ishatse mu biremwa, nayo ikiremwa ntikirekuriwe kurahira kiretse kw’izina ry’Imana Allah, kurahira ku kitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُتِلَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأُخۡدُودِ
Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلنَّارِ ذَاتِ ٱلۡوَقُودِ
Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ هُمۡ عَلَيۡهَا قُعُودٞ
Igihe bari bicaye hambavu yavyo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهُمۡ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ شُهُودٞ
Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا نَقَمُواْ مِنۡهُمۡ إِلَّآ أَن يُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَمِيدِ
Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ
Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ فَتَنُواْ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ ثُمَّ لَمۡ يَتُوبُواْ فَلَهُمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَ وَلَهُمۡ عَذَابُ ٱلۡحَرِيقِ
Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ جَنَّٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡكَبِيرُ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ بَطۡشَ رَبِّكَ لَشَدِيدٌ
Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ هُوَ يُبۡدِئُ وَيُعِيدُ
Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلۡوَدُودُ
Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذُو ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡمَجِيدُ
Nyenubuhangamo, Nyeniteka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَعَّالٞ لِّمَا يُرِيدُ
Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡجُنُودِ
Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِرۡعَوۡنَ وَثَمُودَ
Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي تَكۡذِيبٖ
Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱللَّهُ مِن وَرَآئِهِم مُّحِيطُۢ
Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ هُوَ قُرۡءَانٞ مَّجِيدٞ
Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي لَوۡحٖ مَّحۡفُوظِۭ
Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቡሩጅ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት