ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: البروج   آية:

سورة البروج - SURATU L-BURUUJI

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡبُرُوجِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!
التفاسير العربية:
وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡمَوۡعُودِ
No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!
التفاسير العربية:
وَشَاهِدٖ وَمَشۡهُودٖ
No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!
[1] Imana Allah, Irahira ku co Ishatse mu biremwa, nayo ikiremwa ntikirekuriwe kurahira kiretse kw’izina ry’Imana Allah, kurahira ku kitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.
التفاسير العربية:
قُتِلَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأُخۡدُودِ
Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;
التفاسير العربية:
ٱلنَّارِ ذَاتِ ٱلۡوَقُودِ
Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;
التفاسير العربية:
إِذۡ هُمۡ عَلَيۡهَا قُعُودٞ
Igihe bari bicaye hambavu yavyo;
التفاسير العربية:
وَهُمۡ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ شُهُودٞ
Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.
التفاسير العربية:
وَمَا نَقَمُواْ مِنۡهُمۡ إِلَّآ أَن يُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَمِيدِ
Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.
التفاسير العربية:
ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ
Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ فَتَنُواْ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ ثُمَّ لَمۡ يَتُوبُواْ فَلَهُمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَ وَلَهُمۡ عَذَابُ ٱلۡحَرِيقِ
Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ جَنَّٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡكَبِيرُ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.
التفاسير العربية:
إِنَّ بَطۡشَ رَبِّكَ لَشَدِيدٌ
Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.
التفاسير العربية:
إِنَّهُۥ هُوَ يُبۡدِئُ وَيُعِيدُ
Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.
التفاسير العربية:
وَهُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلۡوَدُودُ
Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
ذُو ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡمَجِيدُ
Nyenubuhangamo, Nyeniteka.
التفاسير العربية:
فَعَّالٞ لِّمَا يُرِيدُ
Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.
التفاسير العربية:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡجُنُودِ
Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!
التفاسير العربية:
فِرۡعَوۡنَ وَثَمُودَ
Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!
التفاسير العربية:
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي تَكۡذِيبٖ
Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ مِن وَرَآئِهِم مُّحِيطُۢ
Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.
التفاسير العربية:
بَلۡ هُوَ قُرۡءَانٞ مَّجِيدٞ
Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;
التفاسير العربية:
فِي لَوۡحٖ مَّحۡفُوظِۭ
Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: البروج
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق