কুরআনুল কারীমের অর্থসমূহের অনুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহের সূচী

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অর্থসমূহের অনুবাদ সূরা: সূরা আজ-জারিয়াত   আয়াত:

SURATU DDHAARIYAAT

وَٱلذَّٰرِيَٰتِ ذَرۡوٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku bihuhusi bitumura ivumbi;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَٱلۡحَٰمِلَٰتِ وِقۡرٗا
No ku bicu vy’imvura;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَٱلۡجَٰرِيَٰتِ يُسۡرٗا
No ku bwato bugendera mw’ibahari vyoroshe;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَٱلۡمُقَسِّمَٰتِ أَمۡرًا
No ku bamalayika bashikana amabwirizwa y’Imana Allah ku biremwa;
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَصَادِقٞ
Ko vy’ukuri izurwa ry’ibiremwa musezeranirwa ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَإِنَّ ٱلدِّينَ لَوَٰقِعٞ
N’uko mu vy’ukuri iharurirwa n’impera ku vyo mwakoze, bitegerezwa kuba!
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡحُبُكِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryaremwe mu buryo butangaje;
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِنَّكُمۡ لَفِي قَوۡلٖ مُّخۡتَلِفٖ
Ko mu vy’ukuri, mwebwe abahakanyi muri ba mahindagu ku vyerekeye ukwemera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
আরবি তাফসীরসমূহ:
يُؤۡفَكُ عَنۡهُ مَنۡ أُفِكَ
Higizwa kure ya Qor’ani n’Intumwa, uwigijwe kure y’ukuvyemera mu kwirengagiza ivyemezo vy’Imana Allah.
আরবি তাফসীরসমূহ:
قُتِلَ ٱلۡخَرَّٰصُونَ
Harakavumwa rero abahakanyi bibwira ibitari ukuri;
আরবি তাফসীরসমূহ:
ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي غَمۡرَةٖ سَاهُونَ
Abimonogoje mu buhakanyi, bagoswe mu bugarariji;
আরবি তাফসীরসমূহ:
يَسۡـَٔلُونَ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلدِّينِ
Babaza bitangaza mu ntumbero yo guhakana bati: “Mbega umusi w’iharurirwa n’impera, uzoshika ryari!”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
يَوۡمَ هُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ يُفۡتَنُونَ
Umusi w’iharurirwa n’impera, ni umusi bahanishijwe umuriro;
আরবি তাফসীরসমূহ:
ذُوقُواْ فِتۡنَتَكُمۡ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ
Maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje ibihano vyanyu, ari na vyo mwahora mwihutira gusaba kw’isi ko mwohabwa”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٍ
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, kuri uwo musi bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’amazi y’imbizi atemba;
আরবি তাফসীরসমূহ:
ءَاخِذِينَ مَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُحۡسِنِينَ
Maze bakirane urweze n’akanyamuneza, impano bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko bahabwa nya mpano, bahora ari abagwaneza mu bugamburutsi bwabo kw’isi;
আরবি তাফসীরসমূহ:
كَانُواْ قَلِيلٗا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مَا يَهۡجَعُونَ
Ni gake baryama mw’ijoro ku kubera ugusenga;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَبِٱلۡأَسۡحَارِ هُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ
No mu bucagucagu, barasaba Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ
No mu matungo yabo, baratanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, bagahereza umukene asega n’uwipfa agasoni ntasege.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِي ٱلۡأَرۡضِ ءَايَٰتٞ لِّلۡمُوقِنِينَ
Burya mw’iremwa ry’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bemera ata guhigimanga ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ibwirijwe gusengwa, n’uko Muhamadi ari Intumwa yayo.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ
Bantu! No mw’iremwa ryanyu nyene, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yabaremye, gutyo Ikaba ari Yo Ibwirijwe gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa. Mbega none ntimubona ngo mutegere ukuri!
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِي ٱلسَّمَآءِ رِزۡقُكُمۡ وَمَا تُوعَدُونَ
Ibibabeshaho hamwe n’ivyo musezeranirwa: vyaba ivyiza canke ibibi, amahirwe canke amarushwa, vyose biri mw’ijuru, vyaragezwe kandi biranditswe.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَوَرَبِّ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِنَّهُۥ لَحَقّٞ مِّثۡلَ مَآ أَنَّكُمۡ تَنطِقُونَ
Ku kubera ivyo vyose rero, Ndarahiye Jewe Allah ku kuba ari Jewe Rurema Yaremye ijuru n’isi, ko ivyo Nabasezeraniye vyose, ari ukuri mudakwiye kugirako amakenga; nka kurya mutagira amakenga ko muvuga mugatomora.
আরবি তাফসীরসমূহ:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abashitsi bubashwe mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗاۖ قَالَ سَلَٰمٞ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ
Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca baramutsa bati: “Nimugire amahoro”; maze na we akabishura ati: “Nimusangwe amahoro, emwe bashitsi ntamenye abo muri bo!”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَرَاغَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ فَجَآءَ بِعِجۡلٖ سَمِينٖ
Ni ho yinyavya mu kigo afata ishashi y’inka inuze arayibaga, arayotsa;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَقَرَّبَهُۥٓ إِلَيۡهِمۡ قَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Araheza ayizimana ba bashitsi mu rupfasoni nta ngere ati: “Mbega ntimwokwihereza!”;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةٗۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ وَبَشَّرُوهُ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ
Ibrahimu amaze kubona ko ba bashitsi badafunguye, vyaramuteye ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba, zahavuye mu kumuhumuriza zimubwira ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika”. Ni ho rero baca banamushikiriza n’agakuru keza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَأَقۡبَلَتِ ٱمۡرَأَتُهُۥ فِي صَرَّةٖ فَصَكَّتۡ وَجۡهَهَا وَقَالَتۡ عَجُوزٌ عَقِيمٞ
Umukenyezi wa Ibrahimu Sarah aho yumviye inkuru yuko azokwibaruka umwana, yaregereye hafi yabo, maze yikubita kw’itama yitangaza ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, nkaba ndi n’ingumba!”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
قَالُواْ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ
Ba bashitsi b’abamalayika bamwishuye bati: “Iyo nkuru tuyikubwiye nk’uko yavuzwe n’Imana yawe Rurema Allah Yo Mushoboravyose; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
۞ قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye nya ntumwa mu bamalayika ati: “Ntumwa z’Imana! None mwoba mugenzwa n’amaki?”;
আরবি তাফসীরসমূহ:
قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ
Na zo zirishura ziti: “Mu vy’ukuri, twarungitswe ku bantu b’abanyavyaha bimonogoje mw’igarariza;
আরবি তাফসীরসমূহ:
لِنُرۡسِلَ عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن طِينٖ
Kugira tubahanishe amabuye yokeje;
আরবি তাফসীরসমূহ:
مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُسۡرِفِينَ
Nya mabuye ariko ikimenyetso kivuye ku Mana yawe Rurema Allah, yagenewe abimonogoje mu bugarariji bagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَأَخۡرَجۡنَا مَن كَانَ فِيهَا مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura mu gacimbiri k’abantu ba Luutwi, abemeramana;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَمَا وَجَدۡنَا فِيهَا غَيۡرَ بَيۡتٖ مِّنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Eka mbere ntitwanasanze muri nya gacimbiri, kiretse umuhana umwe gusa w’abemeramana, ukaba wari uwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَتَرَكۡنَا فِيهَآ ءَايَةٗ لِّلَّذِينَ يَخَافُونَ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
Muri ko, Twahasize ikimenyetso c’igihano Twabahaye, cerekana ubushobozi bw’Imana Allah bwo guhana, ku bantu batinya ibihano vyayo bibabaza.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِي مُوسَىٰٓ إِذۡ أَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ
No mw’irungikwa rya Musa kwa Firawuni n’abunganizi biwe, igihe Tumurungikana Aayah n’ivyemezo bigaragara, harimwo Aayah n’inkebuzo ku bantu batinya ibihano bibabaza vy’Imana Allah.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَتَوَلَّىٰ بِرُكۡنِهِۦ وَقَالَ سَٰحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٞ
Firawuni yaragenjeje umugongo arirengagiza ukuri ku kwishimira inguvu ziwe, maze avuga ati: “Musa, ni umurozi canke ni umukehabwenge yeruye!”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ وَهُوَ مُلِيمٞ
Ni ho rero Twafata Firawuni n’ingabo ziwe, Duca Tubaterera mw’ibahari. Firawuni yari yakoze ibituma atabwako imiragwe ashavuriwe n’Imana Allah.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِي عَادٍ إِذۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلرِّيحَ ٱلۡعَقِيمَ
No mw’ihonywa rya Bene Aadi, harimwo Aayah n’inkebuzo ku wutegera, igihe Twabarungikira igihuhusi gitema kigatongora;
আরবি তাফসীরসমূহ:
مَا تَذَرُ مِن شَيۡءٍ أَتَتۡ عَلَيۡهِ إِلَّا جَعَلَتۡهُ كَٱلرَّمِيمِ
Nta kintu na kimwe nya gihuhusi caciyeko, kiretse ko cagisiga ari ubunywenywe.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَفِي ثَمُودَ إِذۡ قِيلَ لَهُمۡ تَمَتَّعُواْ حَتَّىٰ حِينٖ
No mw’ihanwa rya Bene Thamuudi, harimwo Aayah n’inkebuzo, igihe Intumwa yabo Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yababwira iti: “Nimuryoherwe mu zanyu imisi itatu itarenga ntirenguke mu kurindira urwanyu ko rushika”.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَهُمۡ يَنظُرُونَ
Bene Thamuudi baragabitanije kw’ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah, baca bahitanwa n’igihano c’umuriro amaso mu yandi;
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مِن قِيَامٖ وَمَا كَانُواْ مُنتَصِرِينَ
Ntibashoboye no guhaguruka ngo babihunge bitarashika, canke ngo bavyikuremwo, eka mbere n’iyo bahunga ntibari kubirokoka.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ
Twaranahoneje abantu ba Nuhu hambere yabo. Mu vy’ukuri abantu ba Nuhu, bari n’abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَٱلسَّمَآءَ بَنَيۡنَٰهَا بِأَيۡيْدٖ وَإِنَّا لَمُوسِعُونَ
N’ijuru ryegereye isi, Twarariremye maze Turaritunganya, kugira riyibere igisenge kiyikingira, kandi mu vy’ukuri Turanaryagura;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَٱلۡأَرۡضَ فَرَشۡنَٰهَا فَنِعۡمَ ٱلۡمَٰهِدُونَ
N’isi, Twarayigize nk’isaso kugira ibiremwa biyiturureko, ni Twebwe rero Abeza b’abasasa.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَمِن كُلِّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَا زَوۡجَيۡنِ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
No mu bwoko bw’ibiremwa vyose, Twaremye bibiribibiri bitandukanye mu ndemo; nk’igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwibuke ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mwikebuke.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَفِرُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ
Bantu! Enda rero nyabuna nimuhungire ibihano vy’Imana Allah, mu kwirukira ku mpuhwe zayo, maze mwemere mwongere mugamburukire Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo[651].
[651] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo hagize ikiyigora, yaca iremururira umushaha wayo kw’isengesho, ubwo bukaba ari uburyo bumwe mu buryo bwo guhungira ku Mana Allah.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَلَا تَجۡعَلُواْ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ
Ntimukanabangikanye Imana Allah mu vyo mukora vyose mu kuyisenga n’iyindi mana. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo.
আরবি তাফসীরসমূহ:
كَذَٰلِكَ مَآ أَتَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا قَالُواْ سَاحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ
Nk’uko rero Abakorayishi bahakanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakavuga bati: “Muhamadi, ni umwivuzi w’amazina, canke umurozi, canke umukehabwenge”; ni ko n’imigwi y’abantu bo hambere yabo yabigenjeje, ntiyigeze irungikirwa Intumwa n’imwe, kiretse ko yavuga nk’ukwo nyene, bituma Tuyihana.
আরবি তাফসীরসমূহ:
أَتَوَاصَوۡاْ بِهِۦۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٞ طَاغُونَ
Mbega yemwe! Abo hambere, boba basigiye abo mu nyuma zabo iragi ryo guhakana Intumwa muri ubwo buryo nyene! Ahubwo rero mbere, bo ni abantu biganza bakagarariza, bagahuza umutima w’ubugarariji n’akagagazo, gutyo bagasusa no mu buryo bwo kugarariza.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَمَآ أَنتَ بِمَلُومٖ
Ntumwa y’Imana! Irengagize ababangikanyamana mu kurindira itegeko riberekeye, nta n’uwogutako imiragwe kuko wamaze gushikana ubutumwa;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَذَكِّرۡ فَإِنَّ ٱلذِّكۡرَىٰ تَنفَعُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Hamwe n’ivyo rero, shishikara irarikiramana wibutsa abo warungitsweko, mu vy’ukuri ukwibutswa kuragirira akamaro abemeramana, na kare ngo uwukebura uwiwe agumizako.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَمَا خَلَقۡتُ ٱلۡجِنَّ وَٱلۡإِنسَ إِلَّا لِيَعۡبُدُونِ
Jewe Allah, sinaremye Amajini n’abantu Nkabarungikira n’Intumwa, atari ukugira banyiyegereze mu vyo bakora vyose banansenge batambangikanya na kimwe mu biremwa;
আরবি তাফসীরসমূহ:
مَآ أُرِيدُ مِنۡهُم مِّن رِّزۡقٖ وَمَآ أُرِيدُ أَن يُطۡعِمُونِ
Nta bimbeshaho ndabashakako, eka mbere nta n’imfungurwa Ndabasavye, kuko ni Jewe Mubeshaho w’ibiremwa, Nyenugutanga.
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلرَّزَّاقُ ذُو ٱلۡقُوَّةِ ٱلۡمَتِينُ
Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rutunga Ibeshejeho ibiremwa vyose, Nyeninguvu, Mutananirwa.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذَنُوبٗا مِّثۡلَ ذَنُوبِ أَصۡحَٰبِهِمۡ فَلَا يَسۡتَعۡجِلُونِ
Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baragenewe umugabane w’ibihano; nk’uwagenewe bagenzi babo bahakanye hambere yabo, ntibihutire rero gusaba guhanwa, kuko bitebe bitebuke, bategerezwa guhanwa.
আরবি তাফসীরসমূহ:
فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن يَوۡمِهِمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ
Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bakazohanwa kuri wa musi wabo w’izuka basezeranirwa ko bazohanwa.
আরবি তাফসীরসমূহ:
 
অর্থসমূহের অনুবাদ সূরা: সূরা আজ-জারিয়াত
সূরাসমূহের সূচী পৃষ্ঠার নাম্বার
 
কুরআনুল কারীমের অর্থসমূহের অনুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহের সূচী

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ