Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अन्-नम्ल   आयत:
فَلَمَّا جَآءَ سُلَيۡمَٰنَ قَالَ أَتُمِدُّونَنِ بِمَالٖ فَمَآ ءَاتَىٰنِۦَ ٱللَّهُ خَيۡرٞ مِّمَّآ ءَاتَىٰكُمۚ بَلۡ أَنتُم بِهَدِيَّتِكُمۡ تَفۡرَحُونَ
Intumwa y’umwamikazi imaze gushika kwa Sulayimani, imuzaniye na twa tuganuke, Sulayimani yatwamiriye kure, ati: “Muntura utuganuke tw’agaciro kugira mungondoze! Ivyo Imana Allah Yandonkeje, Ikangira Intumwa, Ikampa n’ubwami hamwe n’amatungo menshi, birandutira ivyo Yabaronkeje, ahubwo rero mwebwe munezerezwa n’utuganuke muhabwa ku guhurumbira no kwishimira amaronko”.
अरबी तफ़सीरें:
ٱرۡجِعۡ إِلَيۡهِمۡ فَلَنَأۡتِيَنَّهُم بِجُنُودٖ لَّا قِبَلَ لَهُم بِهَا وَلَنُخۡرِجَنَّهُم مِّنۡهَآ أَذِلَّةٗ وَهُمۡ صَٰغِرُونَ
Sulayimani yongera abwira ya ntumwa yarungitswe n’umwamikazi wa Saba-i ati: “Subirayo n’utuganuke twanyu, ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko nzoza ndabazaniye ingabo badashobora guhangana na zo, nta n’inkeka ko tuzobomora mu gihugu cabo basuzuguritse nibatemera gusenga Imana Imwe Rudende Allah”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَيُّكُمۡ يَأۡتِينِي بِعَرۡشِهَا قَبۡلَ أَن يَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ
Sulayimani yabwiye abari ng’aho mu ngabo ziwe ati: “Ni nde muri mwebwe yonzanira ng’aha intebe y’inganji y’uyu mwamikazi, imbere yuko abantu bo muri Saba-i n’umwamikazi wabo baza iwanje bicishije bugufi, ari abislamu?”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ عِفۡرِيتٞ مِّنَ ٱلۡجِنِّ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن تَقُومَ مِن مَّقَامِكَۖ وَإِنِّي عَلَيۡهِ لَقَوِيٌّ أَمِينٞ
Igihangange mu Majini cavuze giti: “Jewe, ndashoboye kuyikuzanira imbere yuko uhaguruka mu cicaro cawe co gutunganiriza abantu, kandi jewe mu vy’ukuri ndafise inguvu zo kuyishikana ng’aha ata cononekaye, ndi n’umwizigirwa”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ ٱلَّذِي عِندَهُۥ عِلۡمٞ مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن يَرۡتَدَّ إِلَيۡكَ طَرۡفُكَۚ فَلَمَّا رَءَاهُ مُسۡتَقِرًّا عِندَهُۥ قَالَ هَٰذَا مِن فَضۡلِ رَبِّي لِيَبۡلُوَنِيٓ ءَأَشۡكُرُ أَمۡ أَكۡفُرُۖ وَمَن شَكَرَ فَإِنَّمَا يَشۡكُرُ لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن كَفَرَ فَإِنَّ رَبِّي غَنِيّٞ كَرِيمٞ
Uwahawe ubumenyi bw’Igitabu yavuze ati: “Jewe, ndashoboye kuyikuzanira imbere yuko ukubita urugohe”. Sulayimani yapfuye kumurekurira, aca asaba Imana Allah ubwo nyene aba yashikanye ng’aho nya ntebe y’inganji. Sulayimani amaze kubona ya ntebe iri iwe, yaciye avuga ati: “Iyi, ni mu mpano z’Imana yanje Rurema Allah Impa, kugira Ingerageze ko nshima canke ngarariza mu kudashima! Burya uwushimiye Imana Allah, ni ukuri aba ashimye ku neza yiwe; nayo uwugararije mu kutayishimira, burya Imana yanje Rurema Allah, ni Uwikenuye, Yikenuye muri vyose; Mugiraneza, Iha ico Ishatse uwo Ishatse mu buryo Ishatse”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ نَكِّرُواْ لَهَا عَرۡشَهَا نَنظُرۡ أَتَهۡتَدِيٓ أَمۡ تَكُونُ مِنَ ٱلَّذِينَ لَا يَهۡتَدُونَ
Ni ho rero Sulayimani yaca avuga ati: “Nimuyoberanye intebe y’inganji y’uyo mwamikazi, maze turabe ko ahava amenya ko ari iyiwe canke ko atari iyiwe”.
अरबी तफ़सीरें:
فَلَمَّا جَآءَتۡ قِيلَ أَهَٰكَذَا عَرۡشُكِۖ قَالَتۡ كَأَنَّهُۥ هُوَۚ وَأُوتِينَا ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهَا وَكُنَّا مُسۡلِمِينَ
Wa mwamikazi wa Saba-i amaze gushika kwa Sulayimani, yabajijwe ati: “Mbega intebe y’inganji yawe yoba imeze nk’ukwo?”. Wa mwamikazi yishura ati: “Mbona isa nkayo!”. Ni ho rero Sulayimani yatahura ko nya mwamikazi yamaze kumenya ububasha bw’Imana Allah, aca avuga ati: “Twari twahawe kumenya ububasha bw’Imana Allah imbere yuko nya mwamikazi abumenya, turaheza twicisha bugufi tuba abislamu”.
अरबी तफ़सीरें:
وَصَدَّهَا مَا كَانَت تَّعۡبُدُ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ إِنَّهَا كَانَتۡ مِن قَوۡمٖ كَٰفِرِينَ
Icabujije nya mwamikazi gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni uko yasenga mu gishingo cayo ibigirwamana kuko yakuriye mu bagarariji, ahandi ho nya mwamikazi yari ashoboye gutandukanya ukuri n’ikinyoma.
अरबी तफ़सीरें:
قِيلَ لَهَا ٱدۡخُلِي ٱلصَّرۡحَۖ فَلَمَّا رَأَتۡهُ حَسِبَتۡهُ لُجَّةٗ وَكَشَفَتۡ عَن سَاقَيۡهَاۚ قَالَ إِنَّهُۥ صَرۡحٞ مُّمَرَّدٞ مِّن قَوَارِيرَۗ قَالَتۡ رَبِّ إِنِّي ظَلَمۡتُ نَفۡسِي وَأَسۡلَمۡتُ مَعَ سُلَيۡمَٰنَ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nya mwamikazi yabwiwe ati: “Shika winjire rero mu kirimba”. Nya kirimba cari gishashwe n’ibiyo bibonerana hasi, musi yavyo hatemba amazi. Nya mwamikazi abonye nya biyo bishashe hasi, yibwiye ko ari amazi, aca akutsa impuzu kugira ayacemwo; Sulayimani amubonye, aca amubwira ati: “Ivyo, ni ibiyo bibonerana bishashe hasi, amazi aca musi yavyo”. Ni ho rero nya mwamikazi yatahura ko ubwami bwa Sulayimani buhambaye, maze aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri narirenganije mu kukubangikanya, nicishije bugufi rero mu gukurikira hamwe na Sulayimani idini ry’ubwislamu, idini ry’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अन्-नम्ल
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें