Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अन्-नम्ल   आयत:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ فَإِذَا هُمۡ فَرِيقَانِ يَخۡتَصِمُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, kugira abararikire kwemera Imana Allah, araheza ababwira ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose, munayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya”. Ni ho baca bicamwo imigwi ibiri: abamwemera n’abamugarariza, umugwi wose muri yo ukemeza ko ari wo uri mu kuri.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ يَٰقَوۡمِ لِمَ تَسۡتَعۡجِلُونَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِۖ لَوۡلَا تَسۡتَغۡفِرُونَ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Swalehe yabwiye umugwi w’abamugarariza ati: “Ni kuki, aho nyene mwihutira kugarariza no gukora ibibi mwohanirwa, ha kwihutira ukwemera n’ugukora ivyiza mwohemberwa! Mbega ntimwopfuma musaba Imana Allah imbabazi, mukigaya ku vyaha vyanyu kugira Ibagirire impuhwe!”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالُواْ ٱطَّيَّرۡنَا بِكَ وَبِمَن مَّعَكَۚ قَالَ طَٰٓئِرُكُمۡ عِندَ ٱللَّهِۖ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ تُفۡتَنُونَ
Abagarariji bishuye Swalehe bati: “Wewe hamwe n’abinjiye mw’idini ryawe, muraduteye umwaku koko”. Swalehe yaciye abishura ati: “Icobashikira cose, caba iciza canke ikibi, kizoba caragezwe n’Imana Allah kuri mwebwe, ahubwo rero mwebwe muri abantu mugeragezwa ku butunzi no ku bukene, co kimwe no kugeragezwa ku ciza n’ikibi”.
अरबी तफ़सीरें:
وَكَانَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ تِسۡعَةُ رَهۡطٖ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ
Mu gisagara[5] ca Swalehe rero, hari abantu b’ibigaba icenda bagenzwa n’ubwononyi kw’isi; ntibigera bakora ibitunganye namba;
[5] Ico gisagara, ubu kiri ahitwa “Al-Hijri” mu buraruko bushira uburengero bw’ikigobe c’Abarabu.
अरबी तफ़सीरें:
قَالُواْ تَقَاسَمُواْ بِٱللَّهِ لَنُبَيِّتَنَّهُۥ وَأَهۡلَهُۥ ثُمَّ لَنَقُولَنَّ لِوَلِيِّهِۦ مَا شَهِدۡنَا مَهۡلِكَ أَهۡلِهِۦ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Abo bantu icenda, babwiranye hagati yabo bati: “Umwumwe wese, narahire kw’izina ry’Imana Allah, ko dutegerezwa gutera giturumbuka Swalehe mw’ijoro, maze tukamwica we hamwe n’umuryango wiwe; hanyuma bukeye, nta nkeka ko tuzobwira umuhagarikizi wiwe azoshaka kumwihorera, ko tutigeze tumenya uko yapfuye, duheze turahire turengwe ko turi imvugakuri koko mu vyo tuvuze”.
अरबी तफ़सीरें:
وَمَكَرُواْ مَكۡرٗا وَمَكَرۡنَا مَكۡرٗا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Ni ho bategura nya gutegura uwo mugambi mubi wo kwica Swalehe hamwe n’umuryango wiwe, maze Twebwe Allah Turahinyura nya mugambi, Turaheza Dukingira Swalehe n’umuryango wiwe, ntibicwa, Duca Duhana nya bantu b’ibigaba giturumbuka ata vyo bari biteze.
अरबी तफ़सीरें:
فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ مَكۡرِهِمۡ أَنَّا دَمَّرۡنَٰهُمۡ وَقَوۡمَهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu iherezo ry’umugambi wabo mubi ryagenze; ni ukuri, Twararanduranye n’imizi nya bigaba hamwe n’abantu bavyo bose;
अरबी तफ़सीरें:
فَتِلۡكَ بُيُوتُهُمۡ خَاوِيَةَۢ بِمَا ظَلَمُوٓاْۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ
Ng’iyo n’imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, Twabahoneje ku kwirenganya kwabo mw’ibangikanyamana no mu guhakana bivuye inyuma Intumwa Swalehe. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu bihweza bakamenya ukuntu Twabahanye.
अरबी तफ़सीरें:
وَأَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَكَانُواْ يَتَّقُونَ
Twaranarokoye mu bihano vy’ihonywa rya Bene Thamuudi Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abemeramana bari kumwe, bakanikingira n’ibihano vy’Imana Allah mu kuyemera.
अरबी तफ़सीरें:
وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Luutwi igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Karashize ingani mwubahuke gukora akaranda kandi mubona inkurikizi mbi zako!
अरबी तफ़सीरें:
أَئِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةٗ مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ تَجۡهَلُونَ
Ubwo vy’ukuri, murubahuka kwabira abagabo nkamwe mukabipfuza, ha kwipfuza abagore! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu badatahura agateka k’Imana Allah kuri mwebwe, ari na co gituma muca kubiri n’amabwirizwa yayo, mukanahakana n’Intumwa yayo!”.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अन्-नम्ल
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें