Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al A’araf   Umurongo:

SURATU L-A’RAAF

الٓمٓصٓ
Alif laam Miim Swaad[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
Ibisobanuro by'icyarabu:
كِتَٰبٌ أُنزِلَ إِلَيۡكَ فَلَا يَكُن فِي صَدۡرِكَ حَرَجٞ مِّنۡهُ لِتُنذِرَ بِهِۦ وَذِكۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu wahishuriwe. Ntukagire rero amakenga mu mushaha wawe ko wakimanuriwe n’Imana Allah; kugira ugabishe abagarariji wongere wibutse abemeramana.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱتَّبِعُواْ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ وَلَا تَتَّبِعُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَۗ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ
Bantu! Nimukurikire ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwubahirize amabwirizwa ari muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, ntimuzokurikire ikitari Imana Allah mu bahagarikizi nka shetani n’abandi batwarwa n'ivyipfuzo vyabo, ni gake rero mwibuka ngo mugaruke ku kuri.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَكَم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَا فَجَآءَهَا بَأۡسُنَا بَيَٰتًا أَوۡ هُمۡ قَآئِلُونَ
Hari uducimbiri twinshi Twebwe Allah Twahoneje abatubamwo kubera uguhakana no guca kubiri n’Intumwa zacu, baraheza baruhira kumaramara kw’isi n’agasuzuguro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Muri bo, hari abashikiwe n’ibihano vyacu mu gihe bari baryamye mw’ijoro, hari n’abo vyashikiye mu gihe bari bakitse urubavu baruhutse ku murango[2];
[2] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe baruhutse ku murango, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe vyo guturura no kuruhuka, bibabaza cane bigatera n'agahinda.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَمَا كَانَ دَعۡوَىٰهُمۡ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَآ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Nta co bavuze igihe bashikirwa n’ivyo bihano kiretse ukwemanga bati: “Mu vy’ukuri, twarirenganije mu gucumura, ibihano turabikwiye koko”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلَّذِينَ أُرۡسِلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Kubera ivyo rero, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobaza imigwi y’abarungikiwe Intumwa, ko yazitabiriye! Ni ukuri, Tuzobaza n’Intumwa nyene, ko zashikirije ubutumwa n’ukuntu zitabiriwe!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَنَقُصَّنَّ عَلَيۡهِم بِعِلۡمٖۖ وَمَا كُنَّا غَآئِبِينَ
Tuzoheza rero Tubwire ibiremwa ido n'ido y’ivyo bakoze, Twisunze ubumenyi Dufise ku vyo bakoze vyose mu kwubahiriza amabwirizwa yacu; kira noneho, ntitwigeze Tuba kure yabo mu bihe vyose;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلۡوَزۡنُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّۚ فَمَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Ugupimwa kw’ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, kuzogirwa ku munzane w’ukuri utarenganya namba. Uwo wese rero ibikorwa vyiwe vyiza bizoremera ku munzane, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُم بِمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَظۡلِمُونَ
Nayo uwo ibikorwa vyiwe vyiza bizoba bihwahutse ku munzane, uyo rero azoba ari mu bantu bahomvye ubuzima bwabo ku kurenga ku mabwirizwa, no guhakana Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَقَدۡ مَكَّنَّٰكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَۗ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ
Bantu! Ni ukuri, Twarabatsimbataje kw’isi muraturura, Tubaha n’uburyo bwo kubaho mu mfungurwa n’ibinyobwa; hamwe n’ivyo rero, ni gake cane mushima inema z’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَٰكُمۡ ثُمَّ صَوَّرۡنَٰكُمۡ ثُمَّ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ لَمۡ يَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Ni ukuri, Twarabaremeye inkomoko-muntu mu kurema so wanyu Adamu, Turaheza Tubaha n’ishusho ryiwe ryiza mu kurondoka, hanyuma Tubwiriza abamalayika Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza baragamburuka baramwubamira bose. Ariko Ibilisi[3] yari asanzwe ari kumwe na bo, ntiyari mu bubamiye Adamu ku kumusharika kuri ico cubahiro ahawe.
[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ مَا مَنَعَكَ أَلَّا تَسۡجُدَ إِذۡ أَمَرۡتُكَۖ قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ
Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Ni igiki cagutumye utamwubamira kandi Nabigutegetse?”. Ibilisi yarishuye ati: “Jewe ndi intore kumuruta kuko Wandemye mu rubeya, na we Umurema mw’ivu”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ فَٱهۡبِطۡ مِنۡهَا فَمَا يَكُونُ لَكَ أَن تَتَكَبَّرَ فِيهَا فَٱخۡرُجۡ إِنَّكَ مِنَ ٱلصَّٰغِرِينَ
Ni ho Imana Allah Yabwira Ibilisi Iti: “Manuka rero uve mu Bwami bw’ijuru, ntukwiye kubugiriramwo amanyama, buvemwo mu vy’ukuri uri mu basuzuguritse”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ أَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ibilisi amaze kwihebura yabwiye Imana Allah ati: “Mpa kuramba rero gushika ku musi w’izuka[4]”.
[4] Sinzohitanwe n’umuhero w’isi kugira nshishikare guhubisha Bene Adamu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Mu vy’ukuri, Ndaguhaye kuramba gushika ku musi w’imperuka, igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ فَبِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأَقۡعُدَنَّ لَهُمۡ صِرَٰطَكَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Ibilisi yabandanije ahigira Bene Adamu anaga urutoke avuga ati: “Kubera ko Wampubishije ga Mana! Ni ukuri nzokwita ku rutare mu guhubisha Bene Adamu inzira yawe igororotse y’ubwislamu, ishingiye ku kwemera-ndemanwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ لَأٓتِيَنَّهُم مِّنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ وَعَنۡ أَيۡمَٰنِهِمۡ وَعَن شَمَآئِلِهِمۡۖ وَلَا تَجِدُ أَكۡثَرَهُمۡ شَٰكِرِينَ
Hanyuma ni ukuri, nzobaturuka mu mpande zose; imbere n'inyuma, iburyo n’ibubamfu, mpeze ndabaryohereze ivy’isi, ndabatere amakenga mu kwemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntuzokwigera Usanga abenshi muri bo bashima inema zawe”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱخۡرُجۡ مِنۡهَا مَذۡءُومٗا مَّدۡحُورٗاۖ لَّمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Imana Allah Yabwiye Ibilisi Iti: “Sohoka uve mu Bwami bw’ijuru ushavuriwe, womowe muri bwo. Ni ukuri, umuriro wa jahannamu Nzowuzuza abazogukurikira muri Bene Adamu, muri kumwe ikivunga”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيَٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ فَكُلَا مِنۡ حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ewe Adamu! Cumbika wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa mu Bwami bw’ijuru, muheze mufungure aho mushaka mu vyamwa vyabwo. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu bantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَوَسۡوَسَ لَهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ لِيُبۡدِيَ لَهُمَا مَا وُۥرِيَ عَنۡهُمَا مِن سَوۡءَٰتِهِمَا وَقَالَ مَا نَهَىٰكُمَا رَبُّكُمَا عَنۡ هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةِ إِلَّآ أَن تَكُونَا مَلَكَيۡنِ أَوۡ تَكُونَا مِنَ ٱلۡخَٰلِدِينَ
Ni ho rero shetani yabosha kurenga kw’ibwirizwa ryo kudafungura icamwa ca nya giti, kugira bahanirwe ico gicumuro mu kwambikwa ubusa ubwambure bwabo, butari bwigere bugaragara. Yaboheje avuga ati: “Burya rero Imana yanyu Rurema Allah ntiyababujije gufungura icamwa c’iki giti, atari uko mwohava muba abamalayika, canke mukaba mu bantu bazobaho ibihe bidahera mu Bwami bw’ijuru”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَاسَمَهُمَآ إِنِّي لَكُمَا لَمِنَ ٱلنَّٰصِحِينَ
Ibilisi yararahiye ararengwa kw’izina ry’Imana Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mu bahanuzi banyu beza nobagira inama ko mwofungura kuri ico giti”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَدَلَّىٰهُمَا بِغُرُورٖۚ فَلَمَّا ذَاقَا ٱلشَّجَرَةَ بَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۖ وَنَادَىٰهُمَا رَبُّهُمَآ أَلَمۡ أَنۡهَكُمَا عَن تِلۡكُمَا ٱلشَّجَرَةِ وَأَقُل لَّكُمَآ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لَكُمَا عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Ibilisi yaratumye rero bubahuka ku guhendwa, baraheza barafungura kuri ca giti. Bamaze kugifungurako, ubwambure bwabo bwaciye bugaragara, bashoka batangura guhungurura amababi y’ibiti ngo bayipfukishe ku bwambure[5]. Ni ho rero Imana yabo Rurema Allah Yabahamagara Iti: “Sinababujije gufungura icamwa ca kirya giti, nkanababwira ko mu vy’ukuri shetani ari umwansi wanyu agaragara!”.
[5] Iyi Aayah irerekana ko ukugaragaza ubwambure ari ikintu kibi kinateye isoni, n’uko camye ari ikintu kitarekuwe mu mico kama ya kiremwa-muntu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَا رَبَّنَا ظَلَمۡنَآ أَنفُسَنَا وَإِن لَّمۡ تَغۡفِرۡ لَنَا وَتَرۡحَمۡنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Adamu na Hawa bavuze batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti, nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo[6]”.
[6] Aya rero, ni yo majambo Imana Allah Yeretse Adamu kugira ayasabishe mu kwigaya, Imana Allah na Yo Iraheza Iramubabarira.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرّٞ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa hamwe na Ibilisi Iti: “Nimumanuke kw’isi, muzoba abansi hagati yanyu, kw’isi ni ho mufise uburaro n’uburamuko, muzoryoherwa akanya gato gushika umusi w’urupfu rw’umwe wese”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ فِيهَا تَحۡيَوۡنَ وَفِيهَا تَمُوتُونَ وَمِنۡهَا تُخۡرَجُونَ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Kw’isi ni ho muzoba mwebwe n’uruvyaro rwanyu ubuzima bwo kw’isi, ni na ho muzopfira hageze gupfa, ni no mw’isi nyene muzozurwa umusi w’izuka”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ قَدۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمۡ لِبَاسٗا يُوَٰرِي سَوۡءَٰتِكُمۡ وَرِيشٗاۖ وَلِبَاسُ ٱلتَّقۡوَىٰ ذَٰلِكَ خَيۡرٞۚ ذَٰلِكَ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ
Emwe Bene Adamu! Ni ukuri, Twarabaremeye inyambarwa zipfuka ubwambure bwanyu[7], n’izindi zo gushaza mukaberwa[8]. Inyambarwa yo gutinya no kugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nyambarwa ibereye umwemeramana. Ivyo, Imana Allah Yabibatomoreye mu vyemezo vyayo kugira mwibuke inema zayo muheze muyishimire.
[7] Iyi, ni yo nyambarwa itegetswe itegerezwa kwambarwa kuko ipfuka ubwambure kizira kubugaragaza.
[8] Iyi na yo, ni inyambarwa yo kurenzako ku gushaza, umwe wese yisunze uburyo afise.
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ لَا يَفۡتِنَنَّكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ كَمَآ أَخۡرَجَ أَبَوَيۡكُم مِّنَ ٱلۡجَنَّةِ يَنزِعُ عَنۡهُمَا لِبَاسَهُمَا لِيُرِيَهُمَا سَوۡءَٰتِهِمَآۚ إِنَّهُۥ يَرَىٰكُمۡ هُوَ وَقَبِيلُهُۥ مِنۡ حَيۡثُ لَا تَرَوۡنَهُمۡۗ إِنَّا جَعَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ
Emwe Bene Adamu! Shetani ntikabahende ku kubaryohereza ibicumuro nk’uko yaryohereje ibicumuro abavyeyi banyu Adamu na Hawa, ikabakura mu Bwami bw’ijuru, ikabambura inyambarwa zari zipfutse ubwambure bwabo kugira basigare bari gusa. Mu vy’ukuri, shetani n’uruvyaro rwayo barababona mu gihe mwebwe mutababona, nimubiyubare rero. Mu vy’ukuri, amashetani Twayagize abahagarikizi b’abatemera Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةٗ قَالُواْ وَجَدۡنَا عَلَيۡهَآ ءَابَآءَنَا وَٱللَّهُ أَمَرَنَا بِهَاۗ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَأۡمُرُ بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Iyo bakoze ivyaha bavuga biregura bati: “Ni ryo ragi twarazwe n’abavyeyi bacu, ni ko twasanze bagira. Ni na vyo Imana Allah Yatubwirije”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntibwiriza gukora ivyaha. Mbega muvuga murementaniriza Imana Allah ivyo mutazi?”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قُلۡ أَمَرَ رَبِّي بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَقِيمُواْ وُجُوهَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۚ كَمَا بَدَأَكُمۡ تَعُودُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah Yababwirije gutunganiriza abantu, Ibabwiriza no kuyitumbera muyiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende aho muzoba muri hose, canecane mu misigiti; ibabwiriza no kuyisaba mweza idini ryayo, mwemera izuka ry’inyuma yo gupfa; nk’uko Yashoboye rero kubarema ubwa mbere, Irashoboye kandi kubazura mukomeye”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَرِيقًا هَدَىٰ وَفَرِيقًا حَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلضَّلَٰلَةُۚ إِنَّهُمُ ٱتَّخَذُواْ ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُم مُّهۡتَدُونَ
Imana Allah Yagize mu biremwa imigwi ibiri; umugwi w’abo Yashoboje gutumbera inzira igororotse n’umugwi w’abagiriwe n’ubuhuvyi. Abo rero bagiriwe n’ubuhuvyi, mu vy’ukuri bagize amashetani abahagarikizi, baraheza barayumvira mu gishingo c’Imana Allah ku bujuju bwo kutamenya, bibaza ko batumbereye inzira y’ubugororotsi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ خُذُواْ زِينَتَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Emwe Bene Adamu! Igihe cose muzoshaka gusenga, murambara inyambarwa zibakwiye, zisukuye, mushaze. Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قُلۡ مَنۡ حَرَّمَ زِينَةَ ٱللَّهِ ٱلَّتِيٓ أَخۡرَجَ لِعِبَادِهِۦ وَٱلطَّيِّبَٰتِ مِنَ ٱلرِّزۡقِۚ قُلۡ هِيَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا خَالِصَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde yaziririje ugushaza mu vyambarwa vyiza Imana Allah Yaremeye abaja bayo, akabuza gufungura ivyiza birekuwe mu ngabirano zayo!”. Babwire uti: “Ivyo vyambarwa n’imfungurwa, birekuriwe abemeramana mu buzima bwo kw’isi nk’abandi bose, bikazoba bigenewe abemeramana gusa ku musi w’izuka”. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazi bagatahura ivyo babwirwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قُلۡ إِنَّمَا حَرَّمَ رَبِّيَ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَ وَٱلۡإِثۡمَ وَٱلۡبَغۡيَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَأَن تُشۡرِكُواْ بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنٗا وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[9], ibikorerwa ku mugaragaro n’ibikorerwa mu mpisho; Inaziririza gukora ibicumuro vy’ubwoko bwose, na canecane ukurenganya abantu, kuko guciye kubiri n’ukuri. Yarongeye Iziririza kandi kubangikanya Imana Allah kuko Itigeze Imanura icemezo kibirekura, hamwe rero no kwomekera ku Mana Allah iziririza n’izirura ry'ibintu mutabifitiye ivyemezo vy’ukuri”.
[9] Nko gusambana kw’umugore n’umugabo canke kw’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٞۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَأۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Umugwi wose w’abagarariji urafise isango ryo guhanirwako; igihe c’iryo sango ry’igihano kigeze, uwo mugwi ntuzohabwa irindi sango, eka ntirizonasubizwa inyuma ngo uhanwe hataragera.
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ إِمَّا يَأۡتِيَنَّكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَقُصُّونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِي فَمَنِ ٱتَّقَىٰ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Emwe Bene Adamu! Nimwashikirwa n’Intumwa zanje zirungitswe muri mwebwe, zibasomera Aayah z’Igitabu canje, zikanabatomorera ivyemezo vyerekana ukuri kw’ivyo zibashikiriza, muraheza muzumvire. Abazokwirinda ishavu ryanje bagatunganya ibikorwa vyabo, ntibazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyacu vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, abo ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ يَنَالُهُمۡ نَصِيبُهُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا يَتَوَفَّوۡنَهُمۡ قَالُوٓاْ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ
Nta n'umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana Aayah zayo! Abo ni bo rero bashikirwa n’amahirwe n’amagorwa kw’isi vyanditswe mu Gitabu c’ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfudhw”, gushika igihe bashikiriwe n’Intumwa zacu z’abamalayika bajejwe urupfu[10] kugira zibice, zice zibabaza ziti: “Biri hehe ivyo mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah kugira bibakize intureka z’urupfu?”; bazokwishura bati: “Yoo! Vyamaze kuzimangana”. Muri ico gihe rero, bazoheza bemange ko bahoze kw’isi ari abagarariji mu guhakana bivuye inyuma ko hari Imana Imwe Rudende.
[10] Barongowe na Malaku l-mawti.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱدۡخُلُواْ فِيٓ أُمَمٖ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُم مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ فِي ٱلنَّارِۖ كُلَّمَا دَخَلَتۡ أُمَّةٞ لَّعَنَتۡ أُخۡتَهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا ٱدَّارَكُواْ فِيهَا جَمِيعٗا قَالَتۡ أُخۡرَىٰهُمۡ لِأُولَىٰهُمۡ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ أَضَلُّونَا فَـَٔاتِهِمۡ عَذَابٗا ضِعۡفٗا مِّنَ ٱلنَّارِۖ قَالَ لِكُلّٖ ضِعۡفٞ وَلَٰكِن لَّا تَعۡلَمُونَ
Imana Allah Izobabwira ku musi w’izuka Iti: “Nimwinjire rero mu muriro muri kumwe n’iyindi migwi y’abagarariji b’aho hambere yanyu mu majini n’abantu”. Uko umugwi wose warungikiwe Intumwa winjiye mu muriro, ni ko uzota imiragwe ku wundi mugwi wawuhubishije gushika n’aho imigwi yose ihurira mu muriro. Ni ho rero umugwi wahuvye uzoca usabira ibihano ruhasha umugwi wawuhubishije uti: “Mana yacu Rurema Allah! Aba, ni bo baduhubishije inzira yawe igororotse, kubera ivyo rero, bahe ibihano bigwijwe kenshi”. Imana Allah Izobishura Iti: “Burya umugwi wose muri mwebwe no muri bo, urafise ibihano bigwijwe kenshi, ariko nta vyo muzi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَالَتۡ أُولَىٰهُمۡ لِأُخۡرَىٰهُمۡ فَمَا كَانَ لَكُمۡ عَلَيۡنَا مِن فَضۡلٖ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Umugwi w’abahubishije abandi na wo, uzobwira umugwi w’abahubishijwe uti: “Nta butore twabasumvya, twese twari mu buhuvyi butuma duhanwa kumwe”. Imana Allah Izoheza Ibabwire Iti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ivyaha vy'ivyo mwari mwararondeye kw’isi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَا لَا تُفَتَّحُ لَهُمۡ أَبۡوَٰبُ ٱلسَّمَآءِ وَلَا يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ حَتَّىٰ يَلِجَ ٱلۡجَمَلُ فِي سَمِّ ٱلۡخِيَاطِۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Mu vy’ukuri, abagarariji bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, ibikorwa bakoze kw’isi, eka n’imishaha yabo igihe co gupfa, ntibizokwugururirwa imiryango y’ijuru, eka na bo nyene ntibazokwinjira mu Bwami bw’ijuru ingamiya itabanje kwinjira mu ntoboro y’urushinge[11]. Ivyo na vyo bikaba bitoshoboka. Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Duhemba inkozi z’ikibi.
[11] Kurya rero bitoshoboka ko ingamiya yinjira mu ntoboro y’urushinge, ni ko n'abagarariji batokwinjira mu Bwami bw’ijuru.
Ibisobanuro by'icyarabu:
لَهُم مِّن جَهَنَّمَ مِهَادٞ وَمِن فَوۡقِهِمۡ غَوَاشٖۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ
Bazokwinjira rero mu muriro wa Jahannamu, ukaba ari na wo bategekanirijwe kuba ubusaswa n’ivyo kwipfuka. Ni nk’ivyo bihano rero Twebwe Allah Duha abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abemeye Imana Allah bakanakora n'ivyiza bitegetswe uko bashoboye, kanatsinda Twebwe Allah ntidutegeka umuntu kiretse ivyo ashoboye, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلّٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي هَدَىٰنَا لِهَٰذَا وَمَا كُنَّا لِنَهۡتَدِيَ لَوۡلَآ أَنۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُۖ لَقَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّۖ وَنُودُوٓاْ أَن تِلۡكُمُ ٱلۡجَنَّةُ أُورِثۡتُمُوهَا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Tuzoheza rero Dukure inzigo y’inzikira mu mishaha yabo. Muri ubwo Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa zabwo hatemba inzuzi. Abari muri bwo bazovuga bashima bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yadushoboje gukora ibikorwa vyiza bidushikana ku nema zayo, ntitwari kwishoboza na gato gutumbera inzira igororotse, iyo Imana Allah Itabidushoboza, Ikabidutsimbatazako. Ni ukuri, Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zivugisha ukuri mu vyo zashikirije”. Abemeramana bazoheza bakezwe bahamagarwe bati: “Ubwo, ni bwa Bwami bw’ijuru mwarazwe ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyiza mwari mwarakoze kw'isi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ أَن قَدۡ وَجَدۡنَا مَا وَعَدَنَا رَبُّنَا حَقّٗا فَهَلۡ وَجَدتُّم مَّا وَعَدَ رَبُّكُمۡ حَقّٗاۖ قَالُواْ نَعَمۡۚ فَأَذَّنَ مُؤَذِّنُۢ بَيۡنَهُمۡ أَن لَّعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلظَّٰلِمِينَ
Abari mu Bwami bw’ijuru bazoshoka bahamagara abari mu muriro bati: “Burya twasanze impera y’Ubwami bw’ijuru, Imana yacu Rurema Allah Yadusezeraniye ari iy’ukuri. Mbega na mwe mwoba mwasanze impera y’ibihano vyo mu muriro, Imana yanyu Rurema Allah Yabasezeraniye ari iy’ukuri!”. Bazoheza bishure bati: “Ego cane! Twasanze impera Yadusezeraniye ari iy’ukuri”. Ni ho rero hazoca humvikana ijwi ry’umuraritsi riti: “Harakavumwa abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah!;
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱلَّذِينَ يَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَيَبۡغُونَهَا عِوَجٗا وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ كَٰفِرُونَ
Abirengagije gukurikira inzira y’Imana Allah igororotse bakanaburagiza abantu kuyikurikira, bagashaka ko nya nzira idatumbera ukuri, bakanahakana bivuye inyuma ubuzima bw’inyuma yo gupfa".
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَبَيۡنَهُمَا حِجَابٞۚ وَعَلَى ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٞ يَعۡرِفُونَ كُلَّۢا بِسِيمَىٰهُمۡۚ وَنَادَوۡاْ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَن سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۚ لَمۡ يَدۡخُلُوهَا وَهُمۡ يَطۡمَعُونَ
Hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, hazoba hari uruzitiro amahanga rwitwa “A’raaf”. Kuri nya ruzitiro hazoba hari abantu bazitiriwe ng’aho, bazomenyera umwe wese mu bantu bo mu Bwami bw'ijuru canke bo mu muriro, ku bimenyetso bimuranga[12]. Abo bantu rero, ni barya ivyiza n’ibibi vyabo bizoba biri ku rugero rumwe, maze bazitirirwe ng’aho barindiriye impuhwe z’Imana Allah. Bazoheza rero basemerere bahamagara abantu bo mu Bwami bw’ijuru babakeza bati: “Nimugire amahoro”. Muri ico gihe, abari muri nya ruzitiro, ntibazoba barabwinjiramwo, n’aho bazoba bagifise umwizero wo kubwinjiramwo.
[12] Mu bimenyetso vy’abantu bo mu Bwami bw’ijuru, ni nko gusayangana mu maso. Nayo mu bimenyetso vy’abantu bo mu muriro, ni nko kwijirirwa no kwirabura mu maso.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَإِذَا صُرِفَتۡ أَبۡصَٰرُهُمۡ تِلۡقَآءَ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ قَالُواْ رَبَّنَا لَا تَجۡعَلۡنَا مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Bagize ngo barahindukiza amaso amaja ku bantu bari mu muriro, bazovuga batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntudushire hamwe n’abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”,
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٗا يَعۡرِفُونَهُم بِسِيمَىٰهُمۡ قَالُواْ مَآ أَغۡنَىٰ عَنكُمۡ جَمۡعُكُمۡ وَمَا كُنتُمۡ تَسۡتَكۡبِرُونَ
Abazitiriwe hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro, bazoheza bahamagare indongozi z’abagarariji mu muriro, bazozimenyera ku bimenyetso biziranga, bati: “Amatungo mwegeranije, abantu bari babakikije kw’isi, eka n’amanyama yatumye muhonyanga amabwirizwa y’Imana Allah, ivyo vyose nta na kimwe vyabamariye!;
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَهَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ أَقۡسَمۡتُمۡ لَا يَنَالُهُمُ ٱللَّهُ بِرَحۡمَةٍۚ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ لَا خَوۡفٌ عَلَيۡكُمۡ وَلَآ أَنتُمۡ تَحۡزَنُونَ
Mbega aba bakene na ba nyarucari bari mu Bwami bw'ijuru, si bo mwarahira mukarengwa mukiri kw’isi; ko Imana Allah Itazokwigera Ibagirira impuhwe ku musi w’izuka, bakinjira mu Bwami bw’ijuru!". Ba bantu bari muri rwa ruzitiro ruri hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, bace babwirwa bati: "Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, ntimugire ubwoba bwo guhanwa kuri uno musi, eka ntimunicwe n’intuntu y’ivyo mwasize kw’isi".
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَنۡ أَفِيضُواْ عَلَيۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ أَوۡ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُۚ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ حَرَّمَهُمَا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Abantu bari mu muriro na bo, bazosaba abantu bari mu Bwami bw’ijuru bitabariza ko bobahembura, bati: “Yemwe! Nimudusomye na duke ku mazi, canke muduhembure ku mfungurwa mwaronkejwe n’Imana Allah!”. Bazobishura bati: “Ni ukuri, burya Imana Allah Yaraziririje amazi n’imfungurwa ku bayigararije bagahakana n’Intumwa zayo".
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَهۡوٗا وَلَعِبٗا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ فَٱلۡيَوۡمَ نَنسَىٰهُمۡ كَمَا نَسُواْ لِقَآءَ يَوۡمِهِمۡ هَٰذَا وَمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَجۡحَدُونَ
Abazogorerwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa, ni barya bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteburirako mu gutyoza no guhakana, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi. Kuri uwo musi rero, Twebwe Allah Tuzobirengagiza mu kubagumiza mu bihano; nka kurya birengagije mu kwibagira gukora ivyiza mu kwitegurira uno musi wabo, hamwe rero n’uko bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu bakiri kw'isi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَقَدۡ جِئۡنَٰهُم بِكِتَٰبٖ فَصَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ عِلۡمٍ هُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twebwe Allah Twarazaniye abagarariji Igitabu ca Qor’ani wahishuriwe, Twatomoye ibiri muri co mu bumenyi buhambaye, kirimwo ubugororotsi n’impuhwe ku bantu bemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّا تَأۡوِيلَهُۥۚ يَوۡمَ يَأۡتِي تَأۡوِيلُهُۥ يَقُولُ ٱلَّذِينَ نَسُوهُ مِن قَبۡلُ قَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّ فَهَل لَّنَا مِن شُفَعَآءَ فَيَشۡفَعُواْ لَنَآ أَوۡ نُرَدُّ فَنَعۡمَلَ غَيۡرَ ٱلَّذِي كُنَّا نَعۡمَلُۚ قَدۡ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Mbega abagarariji boba barindiriye iki kugira bemere, kiretse gushikirwa n’ibihano basezeraniwe muri Qor’ani! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, abirengagije Qor’ani bakanayibagira bakiri kw’isi bazovuga bati: “Ni ukuri, turemeye ko Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zizanye ukuri, ziranaduhanura. Mbega yemwe tworonka hehe abagenzi ngo batuvugire ku Mana Allah ntiduhanwe, canke dusubizwe kandi kw’isi duheze dukore ibitari nk’ivyo twahora dukora bidashimisha Imana Allah!”. Ni ukuri abo barahomvye ubuzima bwabo, bazoruhukira mu muriro, n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَ يَطۡلُبُهُۥ حَثِيثٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ وَٱلنُّجُومَ مُسَخَّرَٰتِۭ بِأَمۡرِهِۦٓۗ أَلَا لَهُ ٱلۡخَلۡقُ وَٱلۡأَمۡرُۗ تَبَارَكَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Ituma ijoro rihwikira umurango bugaheza bukira, Igatuma n'umurango uhwikira ijoro bugaheza bugaca; kimwe cose muri ivyo, kigakurikira ikindi bukebuke bikurakuranwa igihe cose. Ni na Yo Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, vyose bikaba vyicishije bugufi bigenzwa n’itegeko ryayo, ni n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah Iriho. Bantu nimwumve mwumvireho! Iremwa n’itegekwa ry’ivyo vyose ni iryayo, harakubahwa haninahazwe rero Imana Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱدۡعُواْ رَبَّكُمۡ تَضَرُّعٗا وَخُفۡيَةًۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُعۡتَدِينَ
Bemeramana! Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah mwicishije bugufi mu mpisho mutiyerekana, umutima uri mu nda. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe mu gusaba ikitari Yo;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ بَعۡدَ إِصۡلَٰحِهَا وَٱدۡعُوهُ خَوۡفٗا وَطَمَعًاۚ إِنَّ رَحۡمَتَ ٱللَّهِ قَرِيبٞ مِّنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi, inyuma y’aho Imana Allah Iyitunganirije ku kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), ikabungabungwa hisunzwe iyumviramana; muheze kandi muyitumbere mu kuyisaba mutayibangikanya, mutinya ibihano vyayo, mwizera n’indishi kuri Yo. Mu vy’ukuri impuhwe z’Imana Allah, ziri hafi cane y’abagwaneza.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَهُوَ ٱلَّذِي يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦۖ حَتَّىٰٓ إِذَآ أَقَلَّتۡ سَحَابٗا ثِقَالٗا سُقۡنَٰهُ لِبَلَدٖ مَّيِّتٖ فَأَنزَلۡنَا بِهِ ٱلۡمَآءَ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦ مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِۚ كَذَٰلِكَ نُخۡرِجُ ٱلۡمَوۡتَىٰ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Iyo rero nya muyaga utanguye gusunika ibicu vy’imvura, Twebwe Allah Turaheza Tugashorera nya bicu ahari isi yagadutse, ubwatsi, ibiterwa n’ibiti bikuma, Tugashoka rero Turekurira nya mvura ikagwa, bwa bwatsi, ibiterwa n’ibiti bigasubira gutotahara, maze nya biterwa n'ibiti bigaheza bikama ivyamwa vy’ubwoko bwose. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma isi yagadutse isubira gutotahara - Tuzozura abapfuye bazuke ari bazima. Ivyo rero biri ukwo, kugira mwibuke ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kandi ko Ishoboye kuzura n'abapfuye.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلۡبَلَدُ ٱلطَّيِّبُ يَخۡرُجُ نَبَاتُهُۥ بِإِذۡنِ رَبِّهِۦۖ وَٱلَّذِي خَبُثَ لَا يَخۡرُجُ إِلَّا نَكِدٗاۚ كَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَشۡكُرُونَ
Burya isi y’akanovera iyo ironse imvura, ibiterwa vyayo biraheza bigatotahara bikera ku burenganzira bw’Imana yayo Rurema Allah[13]; nayo isi ititutse, ibiterwa vyayo ntivyera kiretse ibihumbwa gusa, naho nyene bigoranye[14]. Ni nk’uko nyene rero - Dutanga uburorero butomoye - Dutanga ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ukuri ku bantu bashima inema z’Imana Allah, bagaheza bakayumvira.
[13] Ni nk’uko nyene rero umwemeramana iyo yumvise Aayah z’Imana Allah, ziramwungura zikamwereka ubuzima bwiza.
[14] Ako, ni akarorero k’umugarariji agira amanyama, n’aho yokwumva Aayah z’Imana Allah nta co zimwungura.
Ibisobanuro by'icyarabu:
لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ فَقَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twaratumye Nuhu ku bantu biwe kugira abararikire kwemera Imana Imwe Rudende Allah, baheze bayisenge batayibangikanya, araheza rero ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Mutabigenjeje ukwo, ndatinya ko mwohabwa ibihano bihambaye ku musi w’izuka”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Abarongoye abandi mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko wewe uri mu buhuvyi bugaragara”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي ضَلَٰلَةٞ وَلَٰكِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nuhu yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi mu buhuvyi! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
Ibisobanuro by'icyarabu:
أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنصَحُ لَكُمۡ وَأَعۡلَمُ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, nkabahanura ndabagabisha ku bihano vyayo, ndanabashikiriza inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru, kandi ndazi ivyo mutazi mu ngingo z’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٖ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡ وَلِتَتَّقُواْ وَلَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo muheze muyitinye muyemere, kugira muronke impuhwe zayo”!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَكَذَّبُوهُ فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ وَأَغۡرَقۡنَا ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا عَمِينَ
Nuhu rero baramuhakanye bivuye inyuma, Dushoka Tumurokora we hamwe n’abemeramana bari kumwe mu bwato, Turaheza Dusomesha nturi abahakanye ivyemezo vyacu. Mu vy’ukuri, bari abantu imishaha yabo yahumye, ntibabona ukuri.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَإِلَىٰ عَادٍ أَخَاهُمۡ هُودٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۚ أَفَلَا تَتَّقُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranatumye kuri Bene Aadi mwenewabo Huudi igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vyayo!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي سَفَاهَةٖ وَإِنَّا لَنَظُنُّكَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ
Abarongoye abagararije mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko uri umukehabwenge, kandi twiyumvira ko uri no mu babeshi mu vyo ushikiriza ku Mana”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي سَفَاهَةٞ وَلَٰكِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Huudi yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi umukehabwenge! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mama Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنَا۠ لَكُمۡ نَاصِحٌ أَمِينٌ
Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, kandi ndi n’umuhanuzi wanyu w’umwizigirwa mu vyo nahishuriwe.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٖ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡۚ وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ قَوۡمِ نُوحٖ وَزَادَكُمۡ فِي ٱلۡخَلۡقِ بَصۜۡطَةٗۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo! Nimwibuke n’igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa kw’isi, inyuma y’aho Ihonereje abantu ba Nuhu, Ikanabongerereza inkomezi mu ndemo! Nimwibuke rero inema z’umurengera Imana Allah Yabahaye, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا لِنَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَحۡدَهُۥ وَنَذَرَ مَا كَانَ يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَا فَأۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Bene Aadi babwiye Huudi n’agasuzuguro kenshi bati: “Aho nyene uturarikiye kwiyegereza mu vyo dukora vyose Imana Imwe Rudende Allah tunayisenge ari Yo Yonyene, duheze tuvavanure n’ibigirwamana vyasengwa n’abavyeyi bacu! Biri ukwo rero, duhe ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri!”
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ قَدۡ وَقَعَ عَلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ رِجۡسٞ وَغَضَبٌۖ أَتُجَٰدِلُونَنِي فِيٓ أَسۡمَآءٖ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّا نَزَّلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٖۚ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ
Huudi yabishuye abihaniza ati: “Ni ukuri, mwamaze gushikirwa n’ibihano n’ishavu ry’Imana yanyu Rurema Allah. Ubu murashishikaye kumpaririza kuri ibi bishusho mwagize ibigirwamana mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, ata n’icemezo Imana Allah Yigeze Imanura kirekurira isengwa ryavyo! Kubera ivyo rero, nimurindire ishika ry’ivyo bihano musaba, na nje ndindiriye hamwe na mwe”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ بِرَحۡمَةٖ مِّنَّا وَقَطَعۡنَا دَابِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۖ وَمَا كَانُواْ مُؤۡمِنِينَ
Ni ho rero bashikirwa n’ibihano vy’igihuhusi cabahoneje. Turaheza Twebwe Allah Turokora Huudi n’abemeramana bari kumwe ku mpuhwe zacu, Duhonya abahakanye ivyemezo vyacu bose, kanatsinda ntibari no mu bemeramana.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡۖ هَٰذِهِۦ نَاقَةُ ٱللَّهِ لَكُمۡ ءَايَةٗۖ فَذَرُوهَا تَأۡكُلۡ فِيٓ أَرۡضِ ٱللَّهِۖ وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ndaheza ndayisaba ko Ikura mw’ibuye ingamiya nk’uko mwabisavye. Ng’iyo rero ingamiya yarungitswe n’Imana Allah kugira ibabere icemezo n’igitangaro, nimuyireke irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimuzohirahire ngo muyikomakome ku nabi, kuko Imana Allah Yobaha ibihano bibabaza;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ عَادٖ وَبَوَّأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَتَّخِذُونَ مِن سُهُولِهَا قُصُورٗا وَتَنۡحِتُونَ ٱلۡجِبَالَ بُيُوتٗاۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ
Nimwibuke kandi inema Imana Allah Yabahaye, igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa inyuma y’aho Ihonereje Bene Aadi, Iranabatsimbataza kw’isi mu kwishira n’ukwizana, aho mwubaka inyubakwa amahanga mu kabande, mukanabaza ayandi mazu mu misozi. Kubera ivyo rero, nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, muheze muyishimire, kandi ntimuzogenzwe n’ubwononyi kw’isi".
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لِلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِمَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُمۡ أَتَعۡلَمُونَ أَنَّ صَٰلِحٗا مُّرۡسَلٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلَ بِهِۦ مُؤۡمِنُونَ
Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu bantu biwe, babwiye abemeramana mu bacinyijwe n’agasuzuguro n'akantu bati: “Mbega murazi vy’ukuri ko Swalehe yarungitswe n’Imana yiwe Rurema Allah kuri twebwe!”. Barishuye ata gukekeranya bati: “Twebwe mu vy’ukuri turemanga, tukemera, tukanubahiriza ivyo yarungikanwe n’Imana Allah”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا بِٱلَّذِيٓ ءَامَنتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ
Abarongoye abagira amanyama bakihambaza bavuze bati: “Twebwe, mu vy’ukuri turagararije ivyo mwemanze mukemera”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَعَقَرُواْ ٱلنَّاقَةَ وَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ وَقَالُواْ يَٰصَٰلِحُ ٱئۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ko guca rero baca imitsi ya nya ngamiya irahwera, bahonyanga ku bwishime ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah ryo kutayikomakoma ku nabi, baca babwira Swalehe bati: “Ewe Swalehe! Duhe rero vya bihano udusezeranira niwaba uri mu Ntumwa z’Imana Allah!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ
Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَالَةَ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُحِبُّونَ ٱلنَّٰصِحِينَ
Bamaze guca imitsi ya nya ngamiya, Swalehe yarabirengagije hanyuma ababwira ati: “Bantu banje! Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa bw’Imana yanje Rurema Allah, nita ku rutare ndanabahanura, ariko rero mwebwe ntimukunda ababahanura”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مَا سَبَقَكُم بِهَا مِنۡ أَحَدٖ مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luutwi yabwira abantu biwe ati: “Murakenyeye mukore icaha c’agahomerabunwa kitigeze gikorwa aho hambere yanyu n’umuntu n’umwe mu biremwa!
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةٗ مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ مُّسۡرِفُونَ
Mu vy’ukuri, mwebwe murangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukirengagiza abakenyezi mwarekuriwe n’Imana Allah ko mworangurana amabanga y’abubatse, ahubwo rero mwebwe muri abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa mu gutururuza ibishobisho ”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَا كَانَ جَوَابَ قَوۡمِهِۦٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَخۡرِجُوهُم مِّن قَرۡيَتِكُمۡۖ إِنَّهُمۡ أُنَاسٞ يَتَطَهَّرُونَ
Ico gihe nta nyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi kiretse ukubwirana hagati yabo bamushinyaguriza, bati: “Luutwi n’umuryango wiwe nimubirukane mu gisagara canyu. Mu vy’ukuri, bo ni abantu biyubashe”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَنجَيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ كَانَتۡ مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ
Ni ho Twebwe Allah Twategeka Luutwi n’umuryango wiwe kuva muri nya gisagara, Tukabarokora mu bihano vyari bigiye gushika, kiretse umugore wiwe yari mu bahonejwe n’ibihano.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرٗاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Twabahanishije rero imvura y’amabuye no kwubikwako igisagara cabo. Ntumwa y’Imana! Raba rero ukuntu iherezo ry’inkozi z’ikibi zihakana Intumwa zacu ryagenze.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِلَىٰ مَدۡيَنَ أَخَاهُمۡ شُعَيۡبٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡۖ فَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ بَعۡدَ إِصۡلَٰحِهَاۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye ku bwoko bwa “Madiyana” mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, nimutunganirize rero abantu mu gukwiza ingero n’iminzane; kandi ntimukagabanye na gato ku vyo bagenewe ngo mubarenganye, ntimukanagenzwe n’ubwononyi bwo kurenganya no kugarariza kw’isi, inyuma y’aho Intumwa z’aho hambere yanyu zitunganirije mu kwisunga iyumviramana. Ivyo ndabararikiye rero, harimwo ineza kuri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba muvyemera, muvyubahiriza.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَا تَقۡعُدُواْ بِكُلِّ صِرَٰطٖ تُوعِدُونَ وَتَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ مَنۡ ءَامَنَ بِهِۦ وَتَبۡغُونَهَا عِوَجٗاۚ وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ كُنتُمۡ قَلِيلٗا فَكَثَّرَكُمۡۖ وَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ntimugategerere abantu ku nzira, mubatera ubwoba bwo kwicwa mu gihe batabahaye amatungo yabo, muburagiza n’abemera Imana Allah kwinjira mw’idini ryayo, mwipfuza ko ridatumbera ukuri, rikubahirizwa nk’uko mubishaka. Nimwibuke kandi inema mwahawe n’Imana Allah igihe mwari inkehwa, Imana Allah Ikabagwiza mugaheza mukaba ibihangange, kandi murabe n’ukuntu iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi ryagenze.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِن كَانَ طَآئِفَةٞ مِّنكُمۡ ءَامَنُواْ بِٱلَّذِيٓ أُرۡسِلۡتُ بِهِۦ وَطَآئِفَةٞ لَّمۡ يُؤۡمِنُواْ فَٱصۡبِرُواْ حَتَّىٰ يَحۡكُمَ ٱللَّهُ بَيۡنَنَاۚ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلۡحَٰكِمِينَ
Nihaba muri mwebwe hari umugwi wemeye ivyo narungikanwe n’Imana Allah, hari n’uwundi mugwi utigeze uvyemera. Nimutenyenye rero bahakanyi, murindire igihe Imana Allah Izoruducira, Ikabaha ibihano nabagabishijeko. Ni na Yo rero Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لَنُخۡرِجَنَّكَ يَٰشُعَيۡبُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَكَ مِن قَرۡيَتِنَآ أَوۡ لَتَعُودُنَّ فِي مِلَّتِنَاۚ قَالَ أَوَلَوۡ كُنَّا كَٰرِهِينَ
Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo mu bantu ba Shu’aybu, bavuze bati: “Ni ukuri, dutegerezwa kukwangaza wewe Shu’ayibu hamwe n’abemeramana muri kumwe, mutuvire mu gisagara cacu, kiretse mu gihe mwogaruka mw’idini ryacu”. Shu’ayibu arabishura abiyama ati: “Mbega ni gute twogaruka mw’idini ryanyu mu gihe tuzi neza ko rishingiye ku kinyoma, n’aho twobihatirwa rero, nta vyo twogira!;
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَدِ ٱفۡتَرَيۡنَا عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا إِنۡ عُدۡنَا فِي مِلَّتِكُم بَعۡدَ إِذۡ نَجَّىٰنَا ٱللَّهُ مِنۡهَاۚ وَمَا يَكُونُ لَنَآ أَن نَّعُودَ فِيهَآ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ رَبُّنَاۚ وَسِعَ رَبُّنَا كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًاۚ عَلَى ٱللَّهِ تَوَكَّلۡنَاۚ رَبَّنَا ٱفۡتَحۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَ قَوۡمِنَا بِٱلۡحَقِّ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡفَٰتِحِينَ
Ni ukuri, twoba turementanirije Imana Allah mu gihe twogaruka mw’idini ryanyu, inyuma y’aho Imana Allah Iridukuriyemwo. Ntibikabe rero ko tworigarukamwo, kiretse mu gihe Imana yacu Rurema Allah Yobishaka, Imana yacu Rurema Allah Irahetura ikintu ico ari co cose mu bumenyi, Irazi n'ibitunganye ku baja bayo, twaramaze rero kwizera Imana Allah. Mana yacu Rurema Allah! Ducire urw’ukuri twebwe hamwe n’abantu bacu. Burya Wewe, ni We Mwiza w’abacamanza".
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لَئِنِ ٱتَّبَعۡتُمۡ شُعَيۡبًا إِنَّكُمۡ إِذٗا لَّخَٰسِرُونَ
Abarongoye abagararije bagahakana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah mu bantu ba Shu’ayibu, bavuze bagabisha ku gukurikira Shu’ayibu, bati: “Nimwaramuka mukurikiye Shu’ayibu, mu vy’ukuri muzoba muri mu ruhombo”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ
Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبٗا كَأَن لَّمۡ يَغۡنَوۡاْ فِيهَاۚ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبٗا كَانُواْ هُمُ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Abahakanye Shu’ayibu, barahonejwe nk’aho batigeze babaho ngo baryoherwe mu mihana yabo. Abahakanye Shu’ayibu, burya ni bo bahomvye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡۖ فَكَيۡفَ ءَاسَىٰ عَلَىٰ قَوۡمٖ كَٰفِرِينَ
Shu’ayibu amaze kubona ko ibihano vyabo vyimirije, yarabirengagije aranababwira abinginga ati: “Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa narungikanwe n’Imana yanje Rurema Allah, ndanabahanura ko mwonkurikira mw’idini ry’Imana Allah, maze ntimwanyumvira. None rero, ni gute notuntuzwa n’ubutumva bw’abantu bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِي قَرۡيَةٖ مِّن نَّبِيٍّ إِلَّآ أَخَذۡنَآ أَهۡلَهَا بِٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ لَعَلَّهُمۡ يَضَّرَّعُونَ
Twebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa n’imwe mu gisagara ico ari co cose, kugira irarikire abantu gusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya, hanyuma bakayihakana, kiretse ko Twabagerageza Tukabatera ubukene n’ivyago, indwara n’amaganya, bakagorwa kugira bagaruke ku kuri, banatakambire n’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ بَدَّلۡنَا مَكَانَ ٱلسَّيِّئَةِ ٱلۡحَسَنَةَ حَتَّىٰ عَفَواْ وَّقَالُواْ قَدۡ مَسَّ ءَابَآءَنَا ٱلضَّرَّآءُ وَٱلسَّرَّآءُ فَأَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةٗ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Hanyuma rero, Twarabahindurira nya buzima bw’amagorwa, Tukabaha ubuzima buhimbaye gushika n’aho batunga bagatunganirwa, kugira bikebuke. Ha kwikebuka rero, bararendegeye barinamura bavuga bati: “Ivy’isi, ni uko bigenda! Imisi irasa ntingana. Abavyeyi bacu, na bo nyene barashikirwa n’indwara n’amaganya no kuroranirwa mu buzima!”. Muri ico gihe rero, Twaca Tubahana giturumbuka ata vyo bari biteze.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَوۡ أَنَّ أَهۡلَ ٱلۡقُرَىٰٓ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَفَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَرَكَٰتٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِن كَذَّبُواْ فَأَخَذۡنَٰهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Iyo abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa bemera Intumwa z’Imana barungikiwe, bakazikurikira, bakanubahiriza n’amabwirizwa y’Imana Allah, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubugururira imiryango y’ivyiza bibabeshaho biturutse kw’icuncubuka ry’imvura izananye mu kirere ku gihe, bagaheza bakarima bakimbura, ariko rero barahakanye, Dushoka Tubahanira ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw'isi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَفَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا بَيَٰتٗا وَهُمۡ نَآئِمُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa, bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, ko batoshikirwa n’ibihano mu gihe baryamye!
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا ضُحٗى وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, batoshikirwa n’ibihano mu gihe bari mu mirimo ya misi yose mu gitondo[15] ata co binona!
[15] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe bari ku mirimo ya misi yose mu gitondo, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe, bibabaza cane bigatera agahinda.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَفَأَمِنُواْ مَكۡرَ ٱللَّهِۚ فَلَا يَأۡمَنُ مَكۡرَ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara vyagararije, bibaza ko batekaniwe ku gutenyenya kw’Imana Allah mu kutabahana, Igaheza Ikabandanya kubaronsa inema zayo kugira Ibakwegere mu bihano bukebuke bakiri kw’isi! Burya nta wokwijajara ngo asye bwose ngo aratekaniwe ku kudahanwa n’Imana Allah, kiretse abantu bahomvye ubuzima bwabo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَلَمۡ يَهۡدِ لِلَّذِينَ يَرِثُونَ ٱلۡأَرۡضَ مِنۢ بَعۡدِ أَهۡلِهَآ أَن لَّوۡ نَشَآءُ أَصَبۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡۚ وَنَطۡبَعُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ
Mbega abakurakuranwa kuba kw’isi, inyuma y’ihonywa ry’abakurambere babo bitewe n’ivyaha bakoze, ntibarabona ko iyo Dushaka Twari kubahanira ibicumuro vyabo nk’abo hambere yabo, Tukanatera ikimangu c’ubuhakanyi ku mitima yabo, gutyo ntibashobore kwumva inyigisho ngo zibanyure!
Ibisobanuro by'icyarabu:
تِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآئِهَاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ivyo bisagara Tukudondaguriye rero[16], ivyashikiye ababibamwo birimwo urwibutso ku bibuka, harimwo n’igabisha ku ntumva. Ni ukuri, abantu bo muri nya bisagara barashikiriwe n’Intumwa zabo zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, ariko ntibigeze bazemera ku kubera ihakana ryabo ry’ukuri bazaniwe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yateye ikimangu ku mitima yabo ntibemera - Itera ikimangu ku mitima y’abagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[16] Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَا وَجَدۡنَا لِأَكۡثَرِهِم مِّنۡ عَهۡدٖۖ وَإِن وَجَدۡنَآ أَكۡثَرَهُمۡ لَفَٰسِقِينَ
Abenshi mu bahakanyi bo muri ivyo bisagara, Twasanze ata n’isezerano bubahiriza, kandi twanasanze abenshi muri bo ari ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu Twebwe Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَظَلَمُواْ بِهَاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ntumwa y'Imana! Mu nyuma y’izo Ntumwa rero, ni ho kandi Twatuma Musa mwene Amraani, Tumurungikana ivyemezo vyacu bigaragara kwa Firawuni n’abantu biwe, baraheza barirenganya mu kugarariza nya vyemezo. Ehe raba ukuntu Twabahanye, Tukabasomesha nturi bose! Iryo rero, ni ryo herezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَالَ مُوسَىٰ يَٰفِرۡعَوۡنُ إِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa yabwiye Firawuni ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa ivuye ku Mana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Ibisobanuro by'icyarabu:
حَقِيقٌ عَلَىٰٓ أَن لَّآ أَقُولَ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّۚ قَدۡ جِئۡتُكُم بِبَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ فَأَرۡسِلۡ مَعِيَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Ndakwiye rero kutavuga kiretse ukuri ku vyerekeye Imana Allah. Ni ukuri, naje ndabazaniye icemezo kigaragara kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, cerekana ukuri ku vyo ndababwira. Ewe Firawuni! Bohora rero Bene Israyeli, ureke kubacura bufuni na buhoro, mpeze ndabarongore mu nzira y’Imana Allah”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ إِن كُنتَ جِئۡتَ بِـَٔايَةٖ فَأۡتِ بِهَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Firawuni araheza yishura Musa ati: “Niwaba wazanye icemezo nk’uko ubivuga, enda rero cerekane, niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٞ مُّبِينٞ
Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ
Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane[17] abari ng’aho birabira, barumirwa.
[17] Ico gitangaro mu kugikora, Musa yashira ikiganza mu kwaha, akagikurayo cererana gisayangana cane; yagisubizayo kandi, akagikurayo gisa n’ibara ry’ibindi bihimba vy’umubiri wiwe.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٞ
Indongozi mu bantu ba Firawuni, ni ho zabwira abari ng’aho ziti: “Mu vy’ukuri, Musa ni umurozi karuhariwe;
Ibisobanuro by'icyarabu:
يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُمۡۖ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ
Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu”. Ni ho Firawuni yaca avuga ati: “None mumpanuye gukora iki, ku vyerekeye Musa?”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَأَرۡسِلۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ
Za ndongozi ziraheza zimuhanura ziti: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَٰحِرٍ عَلِيمٖ
Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe mu bukonikoni, bamukuzanire”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَجَآءَ ٱلسَّحَرَةُ فِرۡعَوۡنَ قَالُوٓاْ إِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Ku musi uri izina, ni ho rero nya bakonikoni karuhariwe baza kwa Firawuni, baraheza bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ لَمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ
Na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muzoba muri no mu batoni bari hambavu yanje (abishikira)”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِمَّآ أَن تُلۡقِيَ وَإِمَّآ أَن نَّكُونَ نَحۡنُ ٱلۡمُلۡقِينَ
Ba bakonikoni babwira Musa bamubaza n’ubwishime n’akantu bati: “Ewe Musa! Wipfuza ko ari wewe wotangura guterera hasi inkoni yawe, canke ko ari twebwe twotangura?”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ أَلۡقُواْۖ فَلَمَّآ أَلۡقَوۡاْ سَحَرُوٓاْ أَعۡيُنَ ٱلنَّاسِ وَٱسۡتَرۡهَبُوهُمۡ وَجَآءُو بِسِحۡرٍ عَظِيمٖ
Musa abishura ati: “Nipfuza ko ari mwebwe mwotangura”. Bamaze guterera hasi imizana n’inkoni vyabo, barahunitse abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, baraheza rero kandi babatera n’ubwoba bakoresheje uburozi buhanitse.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَلۡقِ عَصَاكَۖ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ
Ni naho Imana Allah Yahishurira Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Imubwiriza Iti: “Terera inkoni yawe hasi”. Musa, amaze guterera nya nkoni hasi, ya nkoni yaciye imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari ivy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَوَقَعَ ٱلۡحَقُّ وَبَطَلَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Ico gihe, ukuri kwaragaragaye ku bari ng’aho ko Musa ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Ikinyoma cagizwe na ba bakonikoni na co, carabatekurukanye, gikubitirwa ahabona maze barahinyuka.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَغُلِبُواْ هُنَالِكَ وَٱنقَلَبُواْ صَٰغِرِينَ
Muri iryo koraniro rero, abakonikoni bose baratsinzwe, maze Firawuni n’abantu biwe basubira inyuma basuzuguritse (ubwanwa bwapfutse umunwa).
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ
Ni ho rero ba bakonikoni baca bubamira Imana Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
Ibisobanuro by'icyarabu:
رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ فِرۡعَوۡنُ ءَامَنتُم بِهِۦ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَمَكۡرٞ مَّكَرۡتُمُوهُ فِي ٱلۡمَدِينَةِ لِتُخۡرِجُواْ مِنۡهَآ أَهۡلَهَاۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga ababwira ati: “Mbega mwemeye iyo Mana imbere yuko ndabarekurira kuyemera! Mu vy’ukuri, ukwo kwemera kwanyu, ni umugambi mubi mwateguye mufatanije na Musa, kugira mwomore ababa muri iki gisagara, muheze mucigarurire. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ingaruka y’ivyo mwakoze;
Ibisobanuro by'icyarabu:
لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ ثُمَّ لَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ
Ba bakonikoni baraheza bishura Firawuni batekaniwe bati: “Twebwe mu vy’ukuri, twamaze kumenya ko tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَا تَنقِمُ مِنَّآ إِلَّآ أَنۡ ءَامَنَّا بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا لَمَّا جَآءَتۡنَاۚ رَبَّنَآ أَفۡرِغۡ عَلَيۡنَا صَبۡرٗا وَتَوَفَّنَا مُسۡلِمِينَ
Nta n’ico uduhoye kiretse ko twemeye ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah twashikirijwe na Musa. Mana yacu Rurema Allah! Duhe ukwihangana no gutsimbatara ku kwemera, Wongere Uzoturengutse hageze gupfa turi abislamu bicisha bugufi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِ فِرۡعَوۡنَ أَتَذَرُ مُوسَىٰ وَقَوۡمَهُۥ لِيُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَيَذَرَكَ وَءَالِهَتَكَۚ قَالَ سَنُقَتِّلُ أَبۡنَآءَهُمۡ وَنَسۡتَحۡيِۦ نِسَآءَهُمۡ وَإِنَّا فَوۡقَهُمۡ قَٰهِرُونَ
Indongozi mu bantu ba Firawuni, zarahejeje zibwira Firawuni ziti: “Ubu urakenyeye ureke Musa n’abamukurikiye muri Bene Israyeli bidegemvye, kugira bonone igihugu ca Misiri mu guhindura idini ryacu, baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah, bavavanure n’isengwa ryawe hamwe n’iry’ibigirwamana vyawe!”. Firawuni araheza azishura ati: “Tugiye kubahasha mu kwica abana b’abahungu muri Bene Israyeli, duheze dusigaze gusa abana b’abakobwa kugira tubagire abajakazi bacu, kandi mu vy’ukuri twebwe tuzobatsinda, tubaganze dukoresheje inguvu z’ubutegetsi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱللَّهِ وَٱصۡبِرُوٓاْۖ إِنَّ ٱلۡأَرۡضَ لِلَّهِ يُورِثُهَا مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلۡمُتَّقِينَ
Musa na we araheza abwira abantu biwe muri Bene Israyeli ati: “Nimwifashishe Imana Allah mu guhangana n’agacinyizo ka Firawuni n’abantu biwe, muheze mwihanganire amabi yose abakorera. Mu vy’ukuri, isi ni iy’Imana Allah, Iyitsimbatazako uwo Ishatse mu baja bayo. Burya amaherezo meza, ni ay’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُوٓاْ أُوذِينَا مِن قَبۡلِ أَن تَأۡتِيَنَا وَمِنۢ بَعۡدِ مَا جِئۡتَنَاۚ قَالَ عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُهۡلِكَ عَدُوَّكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ
Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, baraheza bamubwira n’umwiheburo n’akantu bati: “Twarageragejwe na Firawuni, turabangamirwa mu kwicirwa abana bacu b’abahungu, hagasigazwa abana bacu b’abakobwa bagirwa abajakazi. Ivyo vyadushikiye imbere yuko uza n’inyuma y’aho uziye”. Musa ababwira ati: “Hari n’aho Imana yanyu Rurema Allah Yohonya abansi banyu, maze mukabasubirira, Imana Allah Ikabatsimbataza kw’isi kugira Irabe uko mwigenza; ko mwoshima ingabirano zayo canke mukazigarariza!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَقَدۡ أَخَذۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ بِٱلسِّنِينَ وَنَقۡصٖ مِّنَ ٱلثَّمَرَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twaragerageje Firawuni n’abantu biwe, Turaheza Tubahanisha inzara, amapfa no gukehanirwa n’umwimbu w’ivyamwa n’ibiterwa mbumbarugo, kugira bikebuke, bagaruke ku Mana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَإِذَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡحَسَنَةُ قَالُواْ لَنَا هَٰذِهِۦۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةٞ يَطَّيَّرُواْ بِمُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓۗ أَلَآ إِنَّمَا طَٰٓئِرُهُمۡ عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Firawuni n’abantu biwe, igihe cose bashikiwe n’ivyiza, baca bavuga bati: “Ibi tubironse kuko tubikwiye”. Baramutse naho bashikiwe n’amapfa, baca bidogera Musa bati: “Ibi bidushikiye kubera Musa n’abari kumwe na we baduhumiye”. Emwe! Ivyabashikiye vyose, vyabashikira nk’uko vyagezwe n’Imana Allah, bitewe n'ibicumuro n’igarariza vyabo, ariko abenshi mu bantu ba Firawuni nta vyo bazi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَالُواْ مَهۡمَا تَأۡتِنَا بِهِۦ مِنۡ ءَايَةٖ لِّتَسۡحَرَنَا بِهَا فَمَا نَحۡنُ لَكَ بِمُؤۡمِنِينَ
Abantu ba Firawuni babwiye Musa bati: “Icemezo ico ari co cose wotuzanira ngo tuve mw’idini rya Firawuni, nta co turota twemera ngo tugukurikire”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلطُّوفَانَ وَٱلۡجَرَادَ وَٱلۡقُمَّلَ وَٱلضَّفَادِعَ وَٱلدَّمَ ءَايَٰتٖ مُّفَصَّلَٰتٖ فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twabarungikira umwuzurira maze uhitana ibiterwa n’ivyamwa. Twaranabarungikiye inzige zirya ikintu ico ari co cose zishikiriye: ibiterwa, imiryango, urusenge n’impuzu; Tubarungikira n’udukoko turya ibiterwa n’ibitungwa; Tubarungikira n’ibikere bikwiragira hose: mu bikoresho, mu mfungurwa no mu busaswa; Twaranahinduye inzuzi n’amariba bicika amaraso, ntibaheza ngo baronke amazi yo gukoresha. Ivyo vyose rero, vyari ivyemezo n’ibitangaro vyabashikiye mu bihe bitandukanye bivuye ku Mana Allah, ariko baragize amanyama ntibemera. Kira noneho, bari no mu bantu b’inkozi z’ikibi, barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَمَّا وَقَعَ عَلَيۡهِمُ ٱلرِّجۡزُ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ بِمَا عَهِدَ عِندَكَۖ لَئِن كَشَفۡتَ عَنَّا ٱلرِّجۡزَ لَنُؤۡمِنَنَّ لَكَ وَلَنُرۡسِلَنَّ مَعَكَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Igihe bashikirwa n’ibihano rero, baratekewe n’ubwoba baca bitura Musa bati: “Ewe Musa! Dusabire Imana yawe Rurema Allah ku vyo wahishuriwe ko ibihano bikurwaho n’ukwigaya. Uramutse udukuyeko ibihano turimwo, ni ukuri tuzoca tukwemera ko uri Intumwa, duheze turekurire Bene Israyeli bagukurikire, ntibaburagizwe kuja aho bashatse hose”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُمُ ٱلرِّجۡزَ إِلَىٰٓ أَجَلٍ هُم بَٰلِغُوهُ إِذَا هُمۡ يَنكُثُونَ
Igihe Twebwe Allah Twabakurako vy’agateganyo ibihano mu kiringo gito, mu kurindira isango bazohanirwako mu gusomeshwa nturi, baciye barenga kw’isezerano ryo kwemera Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ
Ni ho rero Twashoka Tubihora hageze nya sango ryo guhanwa, Turabasomesha nturi mu kiyaga kubera ihakana ryabo ry’ibitangaro vyacu. Kira noneho, bari no mu bavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَأَوۡرَثۡنَا ٱلۡقَوۡمَ ٱلَّذِينَ كَانُواْ يُسۡتَضۡعَفُونَ مَشَٰرِقَ ٱلۡأَرۡضِ وَمَغَٰرِبَهَا ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۖ وَتَمَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ ٱلۡحُسۡنَىٰ عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ بِمَا صَبَرُواْۖ وَدَمَّرۡنَا مَا كَانَ يَصۡنَعُ فِرۡعَوۡنُ وَقَوۡمُهُۥ وَمَا كَانُواْ يَعۡرِشُونَ
Abari baracinyijwe muri Bene Israyeli, bakagirwa abaja ba Firawuni, Twarabaraze igihugu co mu buseruko n’ico mu burengero bw’isi (Misiri na Shaamu), ari na vyo bihugu Twahezagiye bikagira isi ndimwa y’akanovera n’inzuzi, gutyo ijambo ry’isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubohoza no gutsimbataza Bene Israyeli bihanganiye Firawuni, riba riratunganye; Turaheza rero Duhonya ivyaranguwe na Firawuni n’abantu biwe, Tunasenyura n’inyubakwa bubatse.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَجَٰوَزۡنَا بِبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡبَحۡرَ فَأَتَوۡاْ عَلَىٰ قَوۡمٖ يَعۡكُفُونَ عَلَىٰٓ أَصۡنَامٖ لَّهُمۡۚ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱجۡعَل لَّنَآ إِلَٰهٗا كَمَا لَهُمۡ ءَالِهَةٞۚ قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٞ تَجۡهَلُونَ
Twarajabukishije Bene Israyeli ibahari, maze baca ku bantu biyeguriye gusenga ibigirwamana, ni ho bavuga bati: “Ewe Musa! Tugirire na twe ikigirwamana dusenga nk’uko aba bafise ikigirwamana basenga”. Musa araheza abishura ati: “Mu vy’ukuri, mwebwe muri ibijuju ruhebwa, bidatahura icubahiro c’Imana Allah ngo bimenye ko ata kintu na kimwe gikwiye gusengwa atari Yo;
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ مُتَبَّرٞ مَّا هُمۡ فِيهِ وَبَٰطِلٞ مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Mu vy’ukuri, aba biyeguriye ibigirwamana, ibangikanyamana ryabo rizohonywa, ivyo bakora mu gusenga, ni ibintazi ni n’ubuhuvyi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡغِيكُمۡ إِلَٰهٗا وَهُوَ فَضَّلَكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa yabandanije ababwira ati: “Mbega hari ikitari Imana Allah nobipfuriza ko musenga, kandi ari Yo Yabaremye Ikabahesha icubahiro gisumba ibindi biremwa mu gihe canyu; mu kubarungikamwo Intumwa nyinshi, mu guhonya abansi banyu hamwe no kubereka ibitangaro!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَسُومُونَكُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يُقَتِّلُونَ أَبۡنَآءَكُمۡ وَيَسۡتَحۡيُونَ نِسَآءَكُمۡۚ وَفِي ذَٰلِكُم بَلَآءٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَظِيمٞ
Bene Israyeli! Nimwibuke inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, igihe Twabakura mu buja bwa Firawuni n’abantu biwe, Tukabakurako ibihano bisuzuguza vyo kwica abana banyu b’abahungu, hagasigazwa abana banyu b’abakobwa kugira babagire abajakazi. Muri ivyo vyose rero, harimwo igeragezwa rihambaye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَوَٰعَدۡنَا مُوسَىٰ ثَلَٰثِينَ لَيۡلَةٗ وَأَتۡمَمۡنَٰهَا بِعَشۡرٖ فَتَمَّ مِيقَٰتُ رَبِّهِۦٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةٗۚ وَقَالَ مُوسَىٰ لِأَخِيهِ هَٰرُونَ ٱخۡلُفۡنِي فِي قَوۡمِي وَأَصۡلِحۡ وَلَا تَتَّبِعۡ سَبِيلَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Mwibuke n’igihe Twaha Musa isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah mu majoro mirongo itatu, hanyuma Turaheza Twongerako ayandi majoro cumi, gutyo ikiringo c’amajoro mirongo ine yagenewe n’Imana yiwe Rurema Allah kiba kirakwiye. Ni ho rero Musa yaheza abwira murumunawe Haruna ati: “Mbera icariho mu bantu banje gushika aho nzogarukira, uheze ubararikire kwumvira Imana Allah no kuyisenga, kandi ntuzohirahire ngo ukurikire inzira y’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَمَّا جَآءَ مُوسَىٰ لِمِيقَٰتِنَا وَكَلَّمَهُۥ رَبُّهُۥ قَالَ رَبِّ أَرِنِيٓ أَنظُرۡ إِلَيۡكَۚ قَالَ لَن تَرَىٰنِي وَلَٰكِنِ ٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡجَبَلِ فَإِنِ ٱسۡتَقَرَّ مَكَانَهُۥ فَسَوۡفَ تَرَىٰنِيۚ فَلَمَّا تَجَلَّىٰ رَبُّهُۥ لِلۡجَبَلِ جَعَلَهُۥ دَكّٗا وَخَرَّ مُوسَىٰ صَعِقٗاۚ فَلَمَّآ أَفَاقَ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Igihe rero Musa yaza, ikiringo c’amajoro mirongo ine kimaze gukwira, maze Imana yiwe Rurema Allah Ikavugana na we mu kumuhishurira amabwirizwa yayo, yaripfuje kubona Imana Allah imbona nkubone, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyiyereke ndakubone”. Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ntushobora kumbona mu buzima bwo kw’isi! Ariko raba urya musozi, ninawiyereka ugashobora kuguma nk’uko uri, muri ico gihe na we urashobora kumbona”. Imana yiwe Rurema Allah Imaze kwiyereka nya musozi waciye usenyuka urayoka, Musa na we aca agwa igihumura araraba. Amaze kurabuka, aca avuga ati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Ndigaye kugusaba kukubona imbona nkubone kw’isi, kandi jewe ndi n’uwa mbere mu bemeramana mu bantu banje”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ إِنِّي ٱصۡطَفَيۡتُكَ عَلَى ٱلنَّاسِ بِرِسَٰلَٰتِي وَبِكَلَٰمِي فَخُذۡ مَآ ءَاتَيۡتُكَ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Naragutoye mu bantu Ndakurungikana ubutumwa bwanje ngo ububashikirize, Ndanavugana na we ukuri kwamye. Kubera ivyo rero, fata nkama ivyo Naguhaye uvyubahirize, uheze ube mu bashima”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَكَتَبۡنَا لَهُۥ فِي ٱلۡأَلۡوَاحِ مِن كُلِّ شَيۡءٖ مَّوۡعِظَةٗ وَتَفۡصِيلٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ فَخُذۡهَا بِقُوَّةٖ وَأۡمُرۡ قَوۡمَكَ يَأۡخُذُواْ بِأَحۡسَنِهَاۚ سَأُوْرِيكُمۡ دَارَ ٱلۡفَٰسِقِينَ
Twebwe Allah, Twarahaye Musa muri Tawurati ingingo nkenerwa mw’idini ryiwe, kugira zibe urwibutso n’itomora ry’amabwirizwa y’ibirekuwe n’ibizira, ukwemera n’inkuru z’ab’aho hambere. Musa! Kubera ivyo rero, fata nkama ayo mabwirizwa, uheze uyubahirize ata guhesha, unabwirize n’abantu bawe warungitsweko kuyubahiriza. Uwuzohirahira muri bo akayarengako, Nzoheza Ndamwereke mu buzima bw’inyuma yo gupfa icumbi ry’ibigaba birenga ku mabwirizwa yanje.
Ibisobanuro by'icyarabu:
سَأَصۡرِفُ عَنۡ ءَايَٰتِيَ ٱلَّذِينَ يَتَكَبَّرُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةٖ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلرُّشۡدِ لَا يَتَّخِذُوهُ سَبِيلٗا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلۡغَيِّ يَتَّخِذُوهُ سَبِيلٗاۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ
Abagira amanyama mu kutanyumvira Jewe Allah, bakanishima ku bandi kw’isi mu guhonyanga agateka kabo, Nzokebanya imishaha yabo mu kudatahura Aayah n'ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’amabwirizwa yanje. Iyo babonye icemezo ico ari co cose rero, ntibaheza ngo bacemere ku kugabitanya. Iyo babonye inzira y’ubugororotsi, ntibayikurikira namba, babona inzira y’ubuhuvyi bakayikurikira. Ivyo rero bigaterwa n’uko bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu, bakanavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَلِقَآءِ ٱلۡأٓخِرَةِ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡۚ هَلۡ يُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Abahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, bagahakana n’uko bazohura n'Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ibikorwa vyabo bizocika impfagusa kuko batemera Imana Allah. Mbega none muri ico gihe, ugira ngo bazohembwa kiretse ku bikorwa bari barakoze kw’isi!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱتَّخَذَ قَوۡمُ مُوسَىٰ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِنۡ حُلِيِّهِمۡ عِجۡلٗا جَسَدٗا لَّهُۥ خُوَارٌۚ أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّهُۥ لَا يُكَلِّمُهُمۡ وَلَا يَهۡدِيهِمۡ سَبِيلًاۘ ٱتَّخَذُوهُ وَكَانُواْ ظَٰلِمِينَ
Inyuma y’aho Musa agiriye kuvugana n’Imana Allah, abantu biwe bafashe igishusho c’ishashi y’inka cabumbwe mu nzahabu n'uwitwa Al-Saamiriy, umuyaga wahuhuta kikamoka nk’inka, baraheza bakigira ikigirwamana baragisenga. Mbega ntibamenye ko ico gishusho c’ishashi y’inka kidashoboye kubavugisha, vyongeye kitanashoboye no kubarongora mu nzira nziza! Barahejeje rero bakigira ikigirwamana, bari no mu birenganije mu gusenga ikitari Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَمَّا سُقِطَ فِيٓ أَيۡدِيهِمۡ وَرَأَوۡاْ أَنَّهُمۡ قَدۡ ضَلُّواْ قَالُواْ لَئِن لَّمۡ يَرۡحَمۡنَا رَبُّنَا وَيَغۡفِرۡ لَنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Bene Israyeli basenze nya gishusho c’ishashi y’inka mu gishingo c’Imana Allah, igihe baboneye neza ko mu vy’ukuri bahuvye inzira bakicuza, bahavuye bigaya, bavuga bati: “Imana yacu Rurema Allah, nitatugirira impuhwe Ikatwakirira ukwigaya kwacu, Ikanatugumiriza akabanga ku vyaha vyacu ntibiduhanire, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَمَّا رَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفٗا قَالَ بِئۡسَمَا خَلَفۡتُمُونِي مِنۢ بَعۡدِيٓۖ أَعَجِلۡتُمۡ أَمۡرَ رَبِّكُمۡۖ وَأَلۡقَى ٱلۡأَلۡوَاحَ وَأَخَذَ بِرَأۡسِ أَخِيهِ يَجُرُّهُۥٓ إِلَيۡهِۚ قَالَ ٱبۡنَ أُمَّ إِنَّ ٱلۡقَوۡمَ ٱسۡتَضۡعَفُونِي وَكَادُواْ يَقۡتُلُونَنِي فَلَا تُشۡمِتۡ بِيَ ٱلۡأَعۡدَآءَ وَلَا تَجۡعَلۡنِي مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Musa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَلِأَخِي وَأَدۡخِلۡنَا فِي رَحۡمَتِكَۖ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Musa amaze gutahura uko vyagenze, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mbabarira itwarwa ryanje n’agashavu, Wongere Ubabarire murumunanje ivyamushikiye, Unadushire twempi mu mpuhwe zawe. Burya Wewe ni We Urangwa n’impuhwe kurusha abagirampuhwe bose”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ سَيَنَالُهُمۡ غَضَبٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَذِلَّةٞ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُفۡتَرِينَ
Mu vy’ukuri, abafashe igishusho c’ishashi y’inka bakagisenga, bazoshikirwa n’ishavu ry’Imana yabo Rurema Allah, banasuzugurike mu buzima bwo kw’isi kubera igarariza ry’Imana Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Duhemba abarementanya ivyadukano mw’idini.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِهَا وَءَامَنُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Nayo abakoze ivyaha, mu nyuma bakagaruka ku Mana Allah bakigaya bakanayemera, bakanakora n’ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah nta nkeka ko inyuma y’uko kwigaya kwabo Izobababarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَمَّا سَكَتَ عَن مُّوسَى ٱلۡغَضَبُ أَخَذَ ٱلۡأَلۡوَاحَۖ وَفِي نُسۡخَتِهَا هُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّلَّذِينَ هُمۡ لِرَبِّهِمۡ يَرۡهَبُونَ
Musa amaze guturura ishavu rigahera, yarahejeje atora ya Mizingo ya Tawurati yari yataye hasi. Muri yo, harimwo uburongozi n’impuhwe ku bantu batinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱخۡتَارَ مُوسَىٰ قَوۡمَهُۥ سَبۡعِينَ رَجُلٗا لِّمِيقَٰتِنَاۖ فَلَمَّآ أَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ قَالَ رَبِّ لَوۡ شِئۡتَ أَهۡلَكۡتَهُم مِّن قَبۡلُ وَإِيَّٰيَۖ أَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلسُّفَهَآءُ مِنَّآۖ إِنۡ هِيَ إِلَّا فِتۡنَتُكَ تُضِلُّ بِهَا مَن تَشَآءُ وَتَهۡدِي مَن تَشَآءُۖ أَنتَ وَلِيُّنَا فَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَاۖ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡغَٰفِرِينَ
Ni ho rero Musa yatora mu bantu biwe abagabo b’intore mirongo indwi kugira bajane ku musozi wa Sinayi, kw’isango ryacu Twebwe Allah ryo kwigaya icaha c’isengwa ry’igishusho c’ishashi y’inka. Ba bagabo b’intore bamaze gushika kuri nya musozi, babwiye Musa bati: “Ntiturota tukwemera tutabanje kubona Imana Allah ukuri kwamye; mu vy’ukuri niwaba wavuganye na Yo, yitwereke rero!”. Ni ho bahanishwa nyamugigima y’akataraboneka, maze bose bahonera rimwe. Musa ni ho yahava atakambira Imana Allah arigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Aho nsubirira inyuma, Bene Israyeli nza kubabwira iki kandi Wahoneje abo natoye muri bo! Iyo Ushaka Wari gutuma Ubahonya ndi kumwe na bo imbere yuko tugera ku musozi wa Sinayi. Mbega Mana yanje Rurema Allah! Uduhonya kubera ivyaha vyakozwe n’abakehabwenge muri twebwe! Ivyo bakoze, si ikindi kiretse ko ari ikigeragezo cawe gituma Uhubisha uwo Ushatse mu biremwa vyawe, Ukarongora uwo Ushatse muri vyo. Wewe ni We Muhagarikizi n’Umutabazi wacu. Kubera ivyo rero, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Wongere Utugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abababarira bakagumya ibanga;
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَٱكۡتُبۡ لَنَا فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗ وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِنَّا هُدۡنَآ إِلَيۡكَۚ قَالَ عَذَابِيٓ أُصِيبُ بِهِۦ مَنۡ أَشَآءُۖ وَرَحۡمَتِي وَسِعَتۡ كُلَّ شَيۡءٖۚ فَسَأَكۡتُبُهَا لِلَّذِينَ يَتَّقُونَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلَّذِينَ هُم بِـَٔايَٰتِنَا يُؤۡمِنُونَ
Unatwandikire ibikorwa vyiza kuri iyi si, Uzonabiduhembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ukuri twagarutse kwigaya imbere yawe”. Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ibihano vyanje Ndabiha uwo Nshatse mu biremwa vyanje; hamwe n’ivyo, impuhwe zanje zikikuje ikintu cose Naremye. Nzoheza rero Nandikire ironswa ryazo abantinya bakiyubara ibihano vyanje mu kungamburukira, bakanatanga ishikanwa-bwirizwa, hamwe n’abemera ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلرَّسُولَ ٱلنَّبِيَّ ٱلۡأُمِّيَّ ٱلَّذِي يَجِدُونَهُۥ مَكۡتُوبًا عِندَهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَٱلۡإِنجِيلِ يَأۡمُرُهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَنۡهَىٰهُمۡ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَيُحِلُّ لَهُمُ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَيُحَرِّمُ عَلَيۡهِمُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَ وَيَضَعُ عَنۡهُمۡ إِصۡرَهُمۡ وَٱلۡأَغۡلَٰلَ ٱلَّتِي كَانَتۡ عَلَيۡهِمۡۚ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِهِۦ وَعَزَّرُوهُ وَنَصَرُوهُ وَٱتَّبَعُواْ ٱلنُّورَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ مَعَهُۥٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Abakurikira Intumwa ikaba n’Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), itigeze yiga kwandika no gusoma, ari na yo basanga ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu vyabo vya Tawurati n’Injili; ibabwiriza gusenga Imana Imwe Rudende Allah no kuyumvira hamwe rero no gukora ivyiza; ikanababuza ibangikanyamana n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa hamwe rero no gukora ibibi; ikanabazirurira ivyiza birekuwe mu mfungurwa, mu binyobwa no mu bakenyezi; ikanabaziriririza ibibi bizira nk’inyama y’ingurube, n’ibindi mu mfungurwa no mu binyobwa bahora bazirura mu vyaziririjwe n’Imana Allah; gutyo ikabakurako amabwirizwa yari abaremereye[18]. Abemeye rero iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemanga ko ari Intumwa y’ukuri, bakayubaha bakayubahiriza bakanayitabara, bakanakurikira Qor’ani yamanuriwe, bakanagendera n’imigenzo yayo, abo ni bo rero baronse intsinzi y'ivyo Imana Allah Yabasezeraniye”.
[18] Nko guca agace k’impuzu kagiyeko ibihumanya, guturira iminyago no kwica uwishe n’aho yoba atishe n’ibigira nkana.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡ جَمِيعًا ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِ ٱلنَّبِيِّ ٱلۡأُمِّيِّ ٱلَّذِي يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَكَلِمَٰتِهِۦ وَٱتَّبِعُوهُ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa y’Imana Allah kuri mwebwe mwese, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikazozura n’abapfuye. Kubera ivyo rero, nimwemere Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, Umuvugishwamana atigeze yiga kwandika no gusoma, yemera Imana Imwe Rudende Allah, akemera n’amajambo yayo Yamumanuriye n’ayo Yamanuriye Abavugishwamana bo hambere yiwe, kandi mumukurikire mwubahirize n’amabwirizwa yiwe kugira mube abagororotsi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمِن قَوۡمِ مُوسَىٰٓ أُمَّةٞ يَهۡدُونَ بِٱلۡحَقِّ وَبِهِۦ يَعۡدِلُونَ
Mu bantu ba Musa muri Bene Israyeli, harimwo umugwi w’abagororotsi utsimbataye ku kuri, ukanarongora abantu wisunze nya kuri, ukanabararikira kugukurikira, ugaheza rero ukanatunganiriza abandi mu kubacira imanza wisunze nya kuri nyene.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَطَّعۡنَٰهُمُ ٱثۡنَتَيۡ عَشۡرَةَ أَسۡبَاطًا أُمَمٗاۚ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ إِذِ ٱسۡتَسۡقَىٰهُ قَوۡمُهُۥٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡحَجَرَۖ فَٱنۢبَجَسَتۡ مِنۡهُ ٱثۡنَتَا عَشۡرَةَ عَيۡنٗاۖ قَدۡ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٖ مَّشۡرَبَهُمۡۚ وَظَلَّلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡغَمَٰمَ وَأَنزَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰۖ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡۚ وَمَا ظَلَمُونَا وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, Twabaciyemwo imiryango cumi n’ibiri ingana n’igitigiri c’uruvyaro rukomoka kuri Ya’kubu; umuryango umwumwe wose witirirwa umwe muri nya ruvyaro. Igihe abantu ba Musa banyoterwa[19], bakamusaba ko yobahembura, Twaramuhishuriye Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho, gutyo umuryango umwumwe wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite. Hanyuma Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira kibakingire izuba ryo mu bugaragwa, Turaheza Tunabamanurira “Manna[20]” na “Salwa [21]”. Dushoka Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye”. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo bwo kudashima no kutubahiriza amabwirizwa, ariko ni bo birenganije [22].
[19] Ni muri ca gihe Imana Allah Yabaha igihano co kwamana intekera ku mutwe bazembagirika mu bugaragwa mu kiringo c'imyaka mirongo ine.
[20] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.
[21] Inyama z’ubwoko bw’inyoni.
[22] Baraduhiwe no kwama ku mfungurwa z’ubwoko bumwe, baraheza basaba ko bofungurirwa ivyimbuwe mu mirima yo muri Misiri.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذۡ قِيلَ لَهُمُ ٱسۡكُنُواْ هَٰذِهِ ٱلۡقَرۡيَةَ وَكُلُواْ مِنۡهَا حَيۡثُ شِئۡتُمۡ وَقُولُواْ حِطَّةٞ وَٱدۡخُلُواْ ٱلۡبَابَ سُجَّدٗا نَّغۡفِرۡ لَكُمۡ خَطِيٓـَٰٔتِكُمۡۚ سَنَزِيدُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ibuka Ntumwa y’Imana igarariza ryabo, igihe babwirwa bati: “Nimucumbike mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, muheze mufungure n’akayabagu ivyo muzokwimburamwo mwisanzuye aho mushatse hose, muce muvuga muti: “Dusavye ikigongwe cawe Mana!”; maze mushoke mwinjira mu muryango w’ico gisagara mwunamiye Imana Allah, mwicishe bugufi, gutyo Duheze Tubagirire ikigongwe ku vyaha vyanyu. Tuzokwongerereza n’indishi abagwaneza muri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”;
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَبَدَّلَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ قَوۡلًا غَيۡرَ ٱلَّذِي قِيلَ لَهُمۡ فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِجۡزٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ بِمَا كَانُواْ يَظۡلِمُونَ
Maze abagararije muri bo, baca bahindura ijambo basabwe kuvuga bati: “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro bati: “Intete ku mushatsi Mana!”. Duca Tubamanurira igihano kivuye hejuru, Turabahonya bitewe n’ukuntu bahora birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَسۡـَٔلۡهُمۡ عَنِ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِي كَانَتۡ حَاضِرَةَ ٱلۡبَحۡرِ إِذۡ يَعۡدُونَ فِي ٱلسَّبۡتِ إِذۡ تَأۡتِيهِمۡ حِيتَانُهُمۡ يَوۡمَ سَبۡتِهِمۡ شُرَّعٗا وَيَوۡمَ لَا يَسۡبِتُونَ لَا تَأۡتِيهِمۡۚ كَذَٰلِكَ نَبۡلُوهُم بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza abayahudi ku nkuru y’abantu bigeze kuba mu gisagara kiri ku nkengera y’ibahari, igihe barenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah ryo kutaroba ifi ku musi w'isabato wubashwe bategetswe kwubaha no kwubahiriza, Imana Allah Iraheza Irabagerageza ku buryo ifi zagwirirana ku nkengera z’ibahari ku musi w'isabato gusa, ku yindi misi zikaguma mw’ibahari. Baraheza rero bakazitega urusenga ku musi w'isabato, maze bakazitegura ku musi ukurikira. Ni nk’ukwo nyene rero Tubagerageza ku bubegito bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذۡ قَالَتۡ أُمَّةٞ مِّنۡهُمۡ لِمَ تَعِظُونَ قَوۡمًا ٱللَّهُ مُهۡلِكُهُمۡ أَوۡ مُعَذِّبُهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدٗاۖ قَالُواْ مَعۡذِرَةً إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Ntumwa y'Imana! Ibuka kandi n'igihe umugwi w’abantu muri bo wabwira uwundi mugwi w’abahanura abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato wubashwe, uti: “Ni kuki muhanura abantu, Imana Allah Izobahonya kw’isi kubera ivyaha bakora, canke Ikazobahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”. Abahanura abarenga kuri nya bwirizwa, bishuye bati: “Tubahanura twubahiriza ibwirizwa ryo kubwiriza ivyiza n’iryo kubuza ibibi, kugira tuzoronke icireguzo ku Mana yanyu Rurema Allah ko twabahanuye”. Iryo hanurwa ryabo rero, kwari kugira bagamburukire Imana Allah mu kutarenga ku mabwirizwa yayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦٓ أَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ يَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلسُّوٓءِ وَأَخَذۡنَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ بِعَذَابِۭ بَـِٔيسِۭ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ
Umugwi w’abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato, umaze gufata minenegwe ivyo wibutswa ukarendegera mu gucumura, Twebwe Allah Twararokoye mu bihano ababuza abandi gukora icaha co kurenga ku mabwirizwa, Turaheza Duha ibihano bibabaza abirenganije mu kurenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w’isabato, kubera ubugaba bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَمَّا عَتَوۡاْ عَن مَّا نُهُواْ عَنۡهُ قُلۡنَا لَهُمۡ كُونُواْ قِرَدَةً خَٰسِـِٔينَ
Bamaze kurendegera rero mu kurenga ku vyo babujijwe, bagashishikara baroba ku musi w’isabato, Imana Allah Yababwiye Iti: “Nimuhinduke rero inkende musuzugurike”, bashoka bacika inkende.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذۡ تَأَذَّنَ رَبُّكَ لَيَبۡعَثَنَّ عَلَيۡهِمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَن يَسُومُهُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِۗ إِنَّ رَبَّكَ لَسَرِيعُ ٱلۡعِقَابِ وَإِنَّهُۥ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Imana yawe Rurema Allah Yamenyesha icese, ko Itegerezwa kurungikira abayahudi uwuzobaha ibihano vy'akataraboneka, bagasuzugurika gushika ku musi w’umuhero w’isi. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni ukuri Irananyarutsa mu guhana ibigaba mu biremwa. Ni ukuri rero, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya; Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَقَطَّعۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ أُمَمٗاۖ مِّنۡهُمُ ٱلصَّٰلِحُونَ وَمِنۡهُمۡ دُونَ ذَٰلِكَۖ وَبَلَوۡنَٰهُم بِٱلۡحَسَنَٰتِ وَٱلسَّيِّـَٔاتِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Bene Israyeli Twaranabaciyemwo imigwimigwi Tubanyanyagiza kw’isi; muri bo rero, harimwo abagororotsi bubaha bakubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, hakabamwo n’abandi birenganya mu kutubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Abo rero, Twarabagerageje ku kuroranirwa bakoroherwa mu buzima, Twaranabagerageje no ku magorwa n’amaganya kugira bagaruke bigaye ku Mana Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٞ وَرِثُواْ ٱلۡكِتَٰبَ يَأۡخُذُونَ عَرَضَ هَٰذَا ٱلۡأَدۡنَىٰ وَيَقُولُونَ سَيُغۡفَرُ لَنَا وَإِن يَأۡتِهِمۡ عَرَضٞ مِّثۡلُهُۥ يَأۡخُذُوهُۚ أَلَمۡ يُؤۡخَذۡ عَلَيۡهِم مِّيثَٰقُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن لَّا يَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّ وَدَرَسُواْ مَا فِيهِۗ وَٱلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ يَتَّقُونَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ababasubiriye mu nyuma y’aho barangwa n’ububi kurusha, batoranye Igitabu baragisoma baranagitahura, baraheza baca kubiri n’ingingo zaco, bakira ivyo bahawe biciriritse mu vy’isi nka ruswa n’ibindi kubera inambu, bakavuga bisigura bati: “Tuzobabarirwa n’Imana Allah ibicumuro vyacu”; n’iyo bahawe mu bisanzwe biziririjwe kuri bo, baravyakira ata co binona! Mbega ntibahawe isezerano rihambaye ryo gufata nkama Tawurati bakayigendera, n’iry’uko batovuga ku vyerekeye Imana Allah kiretse ukuri! Baratahuye rero ibiri muri Tawurati hanyuma barabirengako, barenga no kw’isezerano. Burya ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo bwiza ku bantu bagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ يُمَسِّكُونَ بِٱلۡكِتَٰبِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ إِنَّا لَا نُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُصۡلِحِينَ
Abafata nkama Igitabu ca Tawurati bakanubahiriza amabwirizwa n’izindi ngingo zirimwo, bakanatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobahembera ivyo bakoze, ntitwigera Dutakaza namba indishi z’abatunganya neza ibikorwa vyabo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ وَإِذۡ نَتَقۡنَا ٱلۡجَبَلَ فَوۡقَهُمۡ كَأَنَّهُۥ ظُلَّةٞ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُۥ وَاقِعُۢ بِهِمۡ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱذۡكُرُواْ مَا فِيهِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n'igihe Twarerura umusozi hejuru ya Bene Israyeli, nya musozi ukaba nk’igicu kibakingiye izuba, bibaza ko uhava ubakorokerako nibatemera amabwirizwa ari muri Tawurati! Ni ho Twebwe Allah Twababwira Duti: “Nimufate nkama munubahirize ata gushidikanya ivyo Twabahaye, munibuke isezerano rihambaye Twabahaye muri Tawurati ryo kwubahiriza ibirimwo, kugira mugamburukire Imana Allah”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذۡ أَخَذَ رَبُّكَ مِنۢ بَنِيٓ ءَادَمَ مِن ظُهُورِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَأَشۡهَدَهُمۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَلَسۡتُ بِرَبِّكُمۡۖ قَالُواْ بَلَىٰ شَهِدۡنَآۚ أَن تَقُولُواْ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّا كُنَّا عَنۡ هَٰذَا غَٰفِلِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yaha isezerano Bene Adamu bakiri intanga mu migongo ya ba se, ko boyisenga ari Imwe Rudende, Iraheza Ibagira ivyabona kuri nya sezerano, Iti: “Si Jewe Mana yanyu Rurema Allah, mukwiye gusenga mutambangikanije!”. Baraheza bishura bemanga bati: “Wobuzwa n’iki kuba Imana yacu Allah dusenga ari Imwe Rudende! Ego cane turavyemanze”. Twabagize ivyabona kuri iryo sezerano rero, kugira ntimuzohave muvuga mwiregura ku musi w’izuka muti: “Mu vy’ukuri, ntitwigeze tumenya ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah! Twari twaragoswe n’ubujuju bwo kutamenya, tuba ba sindabibazwa”;
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوۡ تَقُولُوٓاْ إِنَّمَآ أَشۡرَكَ ءَابَآؤُنَا مِن قَبۡلُ وَكُنَّا ذُرِّيَّةٗ مِّنۢ بَعۡدِهِمۡۖ أَفَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلۡمُبۡطِلُونَ
Canke kugira ntimuzovuge mwigovyora muti: “Ni ukuri, ba data gusa ni bo barenze kw’isezerano aho hambere, baraheza babangikanya Imana Allah, gutyo na twe mu nyuma dushoka tubakurikira ukwo. None ga Mana! Ushaka kuduhonya, Uduhora icaha cakozwe n’abakubangikanije bigatuma ibikorwa vyabo bicika impfagusa!”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَكَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twatomoye Aayah zacu n’ibihano Twahaye abazihakanye - Dutomorera abantu warungitsweko Aayah n'ivyemezo kugira bavavanure n’ibangikanyamana, baheze bagaruke ku Mana yabo Rurema Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ ٱلَّذِيٓ ءَاتَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا فَٱنسَلَخَ مِنۡهَا فَأَتۡبَعَهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَكَانَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ
Ntumwa y’Imana! Cira agace abantu warungitsweko ku nkuru y’umuntu umwe muri Bene Israyeli Twahaye ivyemezo vyacu, maze arabitahura, hanyuma arabihakana, abirenza inyuma y’umugongo, gutyo shetani na yo ishoka imwigarurira, aca aja mu bantu bahuvye inzira.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَوۡ شِئۡنَا لَرَفَعۡنَٰهُ بِهَا وَلَٰكِنَّهُۥٓ أَخۡلَدَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُۚ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ ٱلۡكَلۡبِ إِن تَحۡمِلۡ عَلَيۡهِ يَلۡهَثۡ أَوۡ تَتۡرُكۡهُ يَلۡهَثۚ ذَّٰلِكَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۚ فَٱقۡصُصِ ٱلۡقَصَصَ لَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ
Iyo rero Twebwe Allah Dushaka kumuduza icubahiro mu kwemera nya vyemezo, Twari kumushoboza kubigendera, ariko rero we yihebeye ivy’isi ha kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, araheza akurikira ivyipfuzo vyiwe, agabitanya ku Mana Allah. Uyo rero akarorero kiwe, ni nk’imbwa; iyo uyirukanye irekereza ururimi, wayireka naho nyene ikarekereza ururimi[23]. Ntumwa y’Imana! Iyo rero, ni yo ngeso y’abantu bahakanye ivyemezo vyacu imbere yuko urungikwa. Biganire rero inkuru z’ivyashikiye ab’aho hambere, kuko harimwo ibitangaro vyotuma bibuka bakwemere;
[23] Ni nk’uko rero uwuhakana ivyemezo vy’Imana Allah akabirenza umugongo, ukumuhanura canke kumwirengagiza nta co bihindura kuri we.
Ibisobanuro by'icyarabu:
سَآءَ مَثَلًا ٱلۡقَوۡمُ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَأَنفُسَهُمۡ كَانُواْ يَظۡلِمُونَ
Ako ni ko karorero kabi cane; akarorero k’abantu bagararije mu guhakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu, burya rero ni bo nyene bari birenganije.
Ibisobanuro by'icyarabu:
مَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِيۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Uwushobojwe n’Imana Allah akemera ku bugamburutsi bwiwe, uyo ni we yashobojwe kuba umugororotsi; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba, uyo ni we azoba ari mu bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَقَدۡ ذَرَأۡنَا لِجَهَنَّمَ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِۖ لَهُمۡ قُلُوبٞ لَّا يَفۡقَهُونَ بِهَا وَلَهُمۡ أَعۡيُنٞ لَّا يُبۡصِرُونَ بِهَا وَلَهُمۡ ءَاذَانٞ لَّا يَسۡمَعُونَ بِهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ كَٱلۡأَنۡعَٰمِ بَلۡ هُمۡ أَضَلُّۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡغَٰفِلُونَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twaremeye umuriro wa Jahannamu abagarariji benshi mu bantu no mu majini; abafise imishaha ntibaheze ngo bayikoreshe mu gutahura; bakagira n’amaso ntibaheze ngo bayakoreshe mu kubona Aayah n'ivyemezo vyacu; bakagira n’amatwi ntibaheze ngo bayakoreshe mu kwumviriza Aayah z’Imana Allah zikabanyura. Abo ni bo rero, babayeho nk’ibitungwa bitumva ngo bitahure ico bibwirwa, bitabona ngo biheze bitandukanye iciza n’ikibi. Ahubwo mbere bobo barahuvye gusumba ivyo bitungwa[24]. Abo ni bo rero bagoswe, ntibemera Imana Allah ngo bayumvire, bigira ba sindabibazwa.
[24] Kuko ibitungwa birabona bigatahura ikivyungura canke ikibibangamira bikanakurikira umwungere.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلِلَّهِ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ فَٱدۡعُوهُ بِهَاۖ وَذَرُواْ ٱلَّذِينَ يُلۡحِدُونَ فِيٓ أَسۡمَٰٓئِهِۦۚ سَيُجۡزَوۡنَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Imana Allah Irafise amazina meza cane aranga ubutore bwayo, nimuyasabishe rero ku Mana Allah. Mwitandukanye na barya batosekaza amazina yayo[25], bazohembwa ku bicumuro bari barakoze kw’isi mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, no mu gutosekaza amazina yayo.
[25] Mu kuyongerako, canke mu kuyagabanyako, canke kuyahindura; nko kuyita uwutayakwiye mu biremwa, canke kuyaha insiguro itemejwe n’Imana Allah, eka itanemejwe n’Intumwa yayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمِمَّنۡ خَلَقۡنَآ أُمَّةٞ يَهۡدُونَ بِٱلۡحَقِّ وَبِهِۦ يَعۡدِلُونَ
No mu biremwa Twaremye rero, harimwo umugwi w’abagororotsi urongora abantu wisunze ukuri, ukanabararikira kugukurikira, ugaheza rero ukanatunganiriza abandi mu kubacira imanza wisunze nya kuri nyene;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ
Nayo abagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu, Tuzobakwegera mu bihano bukebuke mu kubaronsa ibibabeshaho bikwiye kw’isi, gutyo batwarwe n’ibihendamaso bibaza ko batonye ku Mana Allah, hanyuma Tubahane giturumbuka mu buryo batazi;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ
Jewe Allah Nzonabaha agahengwe gushika n’aho bibaza ko batazohanwa, gutyo bongerereze ubuhakanyi n’amanyama ku yandi kugira bagwirizwe ibihano. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَلَمۡ يَتَفَكَّرُواْۗ مَا بِصَاحِبِهِم مِّن جِنَّةٍۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا نَذِيرٞ مُّبِينٌ
Mbega ntibariyumvira ngo batahure ko mugenzi wabo Muhamadi atari umusazi! We si ikindi kiretse ko ari Umugabisha atomora ibihano vy’Imana Allah mu gihe batomwemera.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَوَلَمۡ يَنظُرُواْ فِي مَلَكُوتِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٖ وَأَنۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَدِ ٱقۡتَرَبَ أَجَلُهُمۡۖ فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ
Mbega ntibihweza ngo babone ibimenyetso vy'ubwami buhambaye bw’Imana Allah mu majuru no mw’isi, hamwe rero no mu biremwa Yaremye muri nya majuru n’isi, gutyo baheze batahure bibuke, baheze rero kandi barabe n’ubuzima bwabo buri hafi guhera bagapfa bakigarariza, bakazohanwa n’Imana Allah! Mbega ni irihe gabisha bokwemera inyuma y’igabisha rya Qor’ani!
Ibisobanuro by'icyarabu:
مَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَلَا هَادِيَ لَهُۥۚ وَيَذَرُهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Uwubaye intumva, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo. Izonabarekera mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico boreka hagati y'ukwemera n'ubuhuvyi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّيۖ لَا يُجَلِّيهَا لِوَقۡتِهَآ إِلَّا هُوَۚ ثَقُلَتۡ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا تَأۡتِيكُمۡ إِلَّا بَغۡتَةٗۗ يَسۡـَٔلُونَكَ كَأَنَّكَ حَفِيٌّ عَنۡهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye umuhero w’isi, ni ryari uzoshika? Babwire uti: “Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikira bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, nta n’umwe ashobora kugaragaza igihe cawo kiretse Yo Yonyene. Igihe umuhero w’isi uzoshikirako, kinyegejwe ibiremwa vyose vyo mu majuru no mw’isi, nta n’umwe muri vyo azi igihe uzoshikira. Ntuzobishikira rero kiretse ko uzobishikira giturumbuka”. Ntumwa y’Imana! Bakubaza nk’aho woba witwararitse cane kumenya igihe umuhero w’isi uzoshikirako! Babwire uti: “Ni ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikirako bufiswe n’Imana yanje Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ko bufiswe na Yo gusa”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قُل لَّآ أَمۡلِكُ لِنَفۡسِي نَفۡعٗا وَلَا ضَرًّا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ وَلَوۡ كُنتُ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ لَٱسۡتَكۡثَرۡتُ مِنَ ٱلۡخَيۡرِ وَمَا مَسَّنِيَ ٱلسُّوٓءُۚ إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٞ وَبَشِيرٞ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta na kimwe nishoboje, haba mu kugira ico nimariye, eka no mu kwikingira inabi, kiretse ku vyo Imana Allah Ishatse. N’iyo nza kumenya ibinyegejwe ibiremwa, norushirijeho gukora ivyiza, nta n’inabi yonshikiye namba. Burya jewe nta kindi ndi kiretse ko ngabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro, nkashikiriza n'abemeramana inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru.
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ وَجَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا لِيَسۡكُنَ إِلَيۡهَاۖ فَلَمَّا تَغَشَّىٰهَا حَمَلَتۡ حَمۡلًا خَفِيفٗا فَمَرَّتۡ بِهِۦۖ فَلَمَّآ أَثۡقَلَت دَّعَوَا ٱللَّهَ رَبَّهُمَا لَئِنۡ ءَاتَيۡتَنَا صَٰلِحٗا لَّنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa kugira amumare irungu anamutururuze. Amaze rero kwiherera akarangurana na we amabanga y’abubatse[26], yarasamye imbanyi iraheza irakura bukebuke; amaze gukurirwa hakagera ko yibaruka, bompi barasavye Imana yabo Rurema Allah bati: “Niwaramuka Uduhaye ikibondo ceranda gitunganye, nta nkeka ko tuzoba mu bagushimira inema yo kuronswa ikibondo”.
[26] Abavugwa ng’aha, ni umugabo n’umugore bubatse izabo muri Bene Adamu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَلَمَّآ ءَاتَىٰهُمَا صَٰلِحٗا جَعَلَا لَهُۥ شُرَكَآءَ فِيمَآ ءَاتَىٰهُمَاۚ فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Biri muri kameremere ka Bene Adamu rero, ko Imana Allah Ironkeje abavyeyi ikibondo ceranda gitunganye, bahava bakayibangikanya na nya kibondo. Harakubahwa hubahirizwe rero Imana Allah, ntikabangikanywe n’ivyo bayibangikanya!
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَيُشۡرِكُونَ مَا لَا يَخۡلُقُ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ
Mbega bayibangikanya n’ibiremwa vyayo bidashoboye no kurema ikintu na kimwe, kandi na vyo nyene vyararemwe!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ لَهُمۡ نَصۡرٗا وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ
Ntibinashoboye gutabara ababisenga ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَتَّبِعُوكُمۡۚ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡ أَدَعَوۡتُمُوهُمۡ أَمۡ أَنتُمۡ صَٰمِتُونَ
Babangikanyamana! Mu gihe mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana ngo bitumbere inzira igororotse, ntivyopfa vyumvise namba irarika ryanyu ngo bibakurikire, ukubirarika no kwinumira, vyose ni co kimwe kuri vyo, ntivyumva, ntibibona.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ عِبَادٌ أَمۡثَالُكُمۡۖ فَٱدۡعُوهُمۡ فَلۡيَسۡتَجِيبُواْ لَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Mu vy’ukuri, ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni abaja b’Imana Allah nkamwe. Nimwaba rero mwemera ko bikwiye gusengwa nk’uko mwibaza, nimubisabe rero bibumvire nimwaba muri imvugakuri.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَلَهُمۡ أَرۡجُلٞ يَمۡشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَيۡدٖ يَبۡطِشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَعۡيُنٞ يُبۡصِرُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ ءَاذَانٞ يَسۡمَعُونَ بِهَاۗ قُلِ ٱدۡعُواْ شُرَكَآءَكُمۡ ثُمَّ كِيدُونِ فَلَا تُنظِرُونِ
Mbega ivyo bigirwamana vyoba bifise amaguru bigendesha ku buryo vyishira bikizana mu kubatunganiriza! Canke vyoba bifise amaboko bikoresha mu kubatabara hagize uwubabangamira! Canke vyoba bifise amaso birabisha mu kubona ibinyegejwe ibiremwa mudashoboye kubona! Canke vyoba bifise amatwi bikoresha mu kwumva ivyo mudashobora kwumva! Ivyo bigirwamana, none vyosengwa gute, nivyaba bitagira na kimwe muri ivyo bihimba, ari na vyo bikoreshwa mu kugira ico umuntu yimariye canke mu kwikingira! Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe rero ibigirwamana vyanyu mwabangikanije n’Imana Allah, hanyuma mukoreshe urwenge mu kundwaniriza hamwe, ntimuzondindirize na gato mutaranyirahira, nta n’ico ninona kuko nizeye Imana Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ وَلِـِّۧيَ ٱللَّهُ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡكِتَٰبَۖ وَهُوَ يَتَوَلَّى ٱلصَّٰلِحِينَ
Mu vy’ukuri, Umuhagarikizi wanje ni Imana Allah, ni Yo Imbungabunga Ikantabara, ni Yo Yamanuriye Igitabu Qor’ani, ni na Yo Ibungabunga aberanda mu biremwa vyayo, Ikabateturura;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَكُمۡ وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ
Nayo ivyo musaba mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kubatabara ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَسۡمَعُواْۖ وَتَرَىٰهُمۡ يَنظُرُونَ إِلَيۡكَ وَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ
No mu gihe rero mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana gutumbera inzira igororotse, ntivyokwumva irarika ryanyu". Ntumwa y’Imana! Uranabona ababangikanyamana bariko barakuraba wibaza ngo barakubona, kandi batabona namba.
Ibisobanuro by'icyarabu:
خُذِ ٱلۡعَفۡوَ وَأۡمُرۡ بِٱلۡعُرۡفِ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Muvugishwamana! Abantu ivyo bashoboye mu bikorwa n’imigenzo myiza, urabibakirira maze ubibashimire uko bingana kwose, ntukabasabe ivyo badashoboye. Babwirize no kugira ineza mu mvugo n’ingiro, uheze wirengagize inshirasoni.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِمَّا يَنزَغَنَّكَ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ نَزۡغٞ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Niwashikirwa n’inyoshambi za shetani zituma wotwarwa n’agashavu canke wokwihora, uraheza wikinge ku Mana Allah Igukingire izo nyoshambi, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ إِذَا مَسَّهُمۡ طَٰٓئِفٞ مِّنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ تَذَكَّرُواْ فَإِذَا هُم مُّبۡصِرُونَ
Mu vy’ukuri, abagamburukira Imana Allah iyo bakozweko n’inyoshambi za shetani, baca bagaruka ku Mana Allah bakigaya, bagashoka bavavanura n’ibicumuro.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِخۡوَٰنُهُمۡ يَمُدُّونَهُمۡ فِي ٱلۡغَيِّ ثُمَّ لَا يُقۡصِرُونَ
Abanywanyi ba shetani mu bantu, baterwa ingoga n’amashetani mu majini zo kubandanya mu buhuvyi, nya mashetani agaheza agakora yita ku rutare mu kubahubisha, maze na bo bagakorana umwete mu gushira mu ngiro inyoshambi zayo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا لَمۡ تَأۡتِهِم بِـَٔايَةٖ قَالُواْ لَوۡلَا ٱجۡتَبَيۡتَهَاۚ قُلۡ إِنَّمَآ أَتَّبِعُ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّ مِن رَّبِّيۚ هَٰذَا بَصَآئِرُ مِن رَّبِّكُمۡ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Iyo utabashikirije icemezo cerekana ukuri wazanye, baca bavuga bati: “Ubwo ntiwopfuma urementanya icemezo!”. Babwire uti: “Mu vy’ukuri, burya jewe nkurikira ivyo nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah muri iyi Qor’ani. Muri iyo Qor’ani, harimwo ivyemezo bitomoye, uburongozi n’impuhwe ku bemeramana”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا قُرِئَ ٱلۡقُرۡءَانُ فَٱسۡتَمِعُواْ لَهُۥ وَأَنصِتُواْ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Qor’ani iyo isomwe, ba muyumviriza mucereje, muheze muyitahure muyizirikane, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱذۡكُر رَّبَّكَ فِي نَفۡسِكَ تَضَرُّعٗا وَخِيفَةٗ وَدُونَ ٱلۡجَهۡرِ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ بِٱلۡغُدُوِّ وَٱلۡأٓصَالِ وَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ
Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uninahaze wongere utazire Imana yawe Rurema Allah mw’ijwi ry’uwongorera, utakambe wicisha bugufi, unayisabe mw’ijwi riciye bugufi udaciramwo abandi mu gitondo n'umugoroba, kandi ntuzobe na gato mu bantu bagoswe, batibuka kuninahaza no gutazira Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلَّذِينَ عِندَ رَبِّكَ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَيُسَبِّحُونَهُۥ وَلَهُۥ يَسۡجُدُونَۤ۩
Mu vy’ukuri, abamalayika bari ku Mana yawe Rurema Allah, ntibigera bagira amanyama ngo birengagize ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga, ahubwo barubahiriza amabwirizwa yayo, kandi barayitagatifuza ijoro n’umurango, bakanayubamira batayibangikanya.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al A’araf
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga