《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية * - 译解目录

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 章: 穆阿智姆   段:

SURATU L-MA’AARIJ

سَأَلَ سَآئِلُۢ بِعَذَابٖ وَاقِعٖ
Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika;
[1] Yitwa An-Nadhru mwene Al-Haarith
阿拉伯语经注:
لِّلۡكَٰفِرِينَ لَيۡسَ لَهُۥ دَافِعٞ
Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;
阿拉伯语经注:
مِّنَ ٱللَّهِ ذِي ٱلۡمَعَارِجِ
Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;
阿拉伯语经注:
تَعۡرُجُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥ خَمۡسِينَ أَلۡفَ سَنَةٖ
Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2].
[2] Uwo, ni wo musi w'iharurirwa ry'ibiremwa no kubicira urutunganye. Ku mwemeramana, azowubona ari akanya gato, kangana n'umwanya isengesho rimwe rimara.
阿拉伯语经注:
فَٱصۡبِرۡ صَبۡرٗا جَمِيلًا
Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa.
阿拉伯语经注:
إِنَّهُمۡ يَرَوۡنَهُۥ بَعِيدٗا
Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira;
阿拉伯语经注:
وَنَرَىٰهُ قَرِيبٗا
Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika.
阿拉伯语经注:
يَوۡمَ تَكُونُ ٱلسَّمَآءُ كَٱلۡمُهۡلِ
Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe;
阿拉伯语经注:
وَتَكُونُ ٱلۡجِبَالُ كَٱلۡعِهۡنِ
Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere;
阿拉伯语经注:
وَلَا يَسۡـَٔلُ حَمِيمٌ حَمِيمٗا
Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe.
阿拉伯语经注:
يُبَصَّرُونَهُمۡۚ يَوَدُّ ٱلۡمُجۡرِمُ لَوۡ يَفۡتَدِي مِنۡ عَذَابِ يَوۡمِئِذِۭ بِبَنِيهِ
Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe;
阿拉伯语经注:
وَصَٰحِبَتِهِۦ وَأَخِيهِ
N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo;
阿拉伯语经注:
وَفَصِيلَتِهِ ٱلَّتِي تُـٔۡوِيهِ
N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi;
阿拉伯语经注:
وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا ثُمَّ يُنجِيهِ
Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano.
阿拉伯语经注:
كَلَّآۖ إِنَّهَا لَظَىٰ
Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi;
阿拉伯语经注:
نَزَّاعَةٗ لِّلشَّوَىٰ
Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri;
阿拉伯语经注:
تَدۡعُواْ مَنۡ أَدۡبَرَ وَتَوَلَّىٰ
Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo;
阿拉伯语经注:
وَجَمَعَ فَأَوۡعَىٰٓ
Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa.
阿拉伯语经注:
۞ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ خُلِقَ هَلُوعًا
Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu;
阿拉伯语经注:
إِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ جَزُوعٗا
Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana;
阿拉伯语经注:
وَإِذَا مَسَّهُ ٱلۡخَيۡرُ مَنُوعًا
N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi;
阿拉伯语经注:
إِلَّا ٱلۡمُصَلِّينَ
Havuyemwo gusa abasenga;
阿拉伯语经注:
ٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ دَآئِمُونَ
Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ فِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ مَّعۡلُومٞ
N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa;
阿拉伯语经注:
لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ
Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize.
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ يُصَدِّقُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ
Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ هُم مِّنۡ عَذَابِ رَبِّهِم مُّشۡفِقُونَ
N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara;
阿拉伯语经注:
إِنَّ عَذَابَ رَبِّهِمۡ غَيۡرُ مَأۡمُونٖ
Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِفُرُوجِهِمۡ حَٰفِظُونَ
N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane;
阿拉伯语经注:
إِلَّا عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَإِنَّهُمۡ غَيۡرُ مَلُومِينَ
Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo.
阿拉伯语经注:
فَمَنِ ٱبۡتَغَىٰ وَرَآءَ ذَٰلِكَ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡعَادُونَ
Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِأَمَٰنَٰتِهِمۡ وَعَهۡدِهِمۡ رَٰعُونَ
N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ هُم بِشَهَٰدَٰتِهِمۡ قَآئِمُونَ
N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi;
阿拉伯语经注:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ يُحَافِظُونَ
N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa.
阿拉伯语经注:
أُوْلَٰٓئِكَ فِي جَنَّٰتٖ مُّكۡرَمُونَ
Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.
阿拉伯语经注:
فَمَالِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ قِبَلَكَ مُهۡطِعِينَ
Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso!
阿拉伯语经注:
عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ عِزِينَ
Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza!
阿拉伯语经注:
أَيَطۡمَعُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُدۡخَلَ جَنَّةَ نَعِيمٖ
Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi!
阿拉伯语经注:
كَلَّآۖ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّمَّا يَعۡلَمُونَ
Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi.
阿拉伯语经注:
فَلَآ أُقۡسِمُ بِرَبِّ ٱلۡمَشَٰرِقِ وَٱلۡمَغَٰرِبِ إِنَّا لَقَٰدِرُونَ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose!
[3] Imana Allah Yarahiye kuri ivyo vyose, kuko harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy'uko Ishoboye kuzura ibiremwa.
阿拉伯语经注:
عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ خَيۡرٗا مِّنۡهُمۡ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ
Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo!
阿拉伯语经注:
فَذَرۡهُمۡ يَخُوضُواْ وَيَلۡعَبُواْ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ
Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa;
阿拉伯语经注:
يَوۡمَ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ سِرَاعٗا كَأَنَّهُمۡ إِلَىٰ نُصُبٖ يُوفِضُونَ
Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo;
阿拉伯语经注:
خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۚ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلَّذِي كَانُواْ يُوعَدُونَ
Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 章: 穆阿智姆
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية - 译解目录

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

关闭