قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - الترجمة الكيروندية * - ترجمے کی لسٹ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

معانی کا ترجمہ سورت: سورۂ نبأ   آیت:

SURATU NNABA-I

عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ
Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?
عربی تفاسیر:
عَنِ ٱلنَّبَإِ ٱلۡعَظِيمِ
Babazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu;
عربی تفاسیر:
ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ مُخۡتَلِفُونَ
Ari yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma.
عربی تفاسیر:
كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ
Nibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka.
عربی تفاسیر:
ثُمَّ كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ
Eka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo.
عربی تفاسیر:
أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ مِهَٰدٗا
Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso!
عربی تفاسیر:
وَٱلۡجِبَالَ أَوۡتَادٗا
Tugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya!
عربی تفاسیر:
وَخَلَقۡنَٰكُمۡ أَزۡوَٰجٗا
Tubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore!
عربی تفاسیر:
وَجَعَلۡنَا نَوۡمَكُمۡ سُبَاتٗا
Tugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima!
عربی تفاسیر:
وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا
Tugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje!
عربی تفاسیر:
وَجَعَلۡنَا ٱلنَّهَارَ مَعَاشٗا
Tugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho!
عربی تفاسیر:
وَبَنَيۡنَا فَوۡقَكُمۡ سَبۡعٗا شِدَادٗا
Twubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu!
عربی تفاسیر:
وَجَعَلۡنَا سِرَاجٗا وَهَّاجٗا
Tugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa!
عربی تفاسیر:
وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡمُعۡصِرَٰتِ مَآءٗ ثَجَّاجٗا
Tumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu;
عربی تفاسیر:
لِّنُخۡرِجَ بِهِۦ حَبّٗا وَنَبَاتٗا
Kugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko;
عربی تفاسیر:
وَجَنَّٰتٍ أَلۡفَافًا
N’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye.
عربی تفاسیر:
إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ كَانَ مِيقَٰتٗا
Mu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa;
عربی تفاسیر:
يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَتَأۡتُونَ أَفۡوَاجٗا
Ni umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1];
[1] Umugwi wose w’abantu, uzoza uri kumwe n’indongozi yawo mu Ntumwa.
عربی تفاسیر:
وَفُتِحَتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ أَبۡوَٰبٗا
Amajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi;
عربی تفاسیر:
وَسُيِّرَتِ ٱلۡجِبَالُ فَكَانَتۡ سَرَابًا
Imisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2].
[2] Icirungu, ni kurya kuntu ubona ibuheramaso nk’uko hoba hari amazi, ariko wamara kuhagera ntuhasange nya mazi.
عربی تفاسیر:
إِنَّ جَهَنَّمَ كَانَتۡ مِرۡصَادٗا
Mu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi;
عربی تفاسیر:
لِّلطَّٰغِينَ مَـَٔابٗا
Ku barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo;
عربی تفاسیر:
لَّٰبِثِينَ فِيهَآ أَحۡقَابٗا
Bazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera.
عربی تفاسیر:
لَّا يَذُوقُونَ فِيهَا بَرۡدٗا وَلَا شَرَابًا
Nta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota;
عربی تفاسیر:
إِلَّا حَمِيمٗا وَغَسَّاقٗا
Atari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera.
عربی تفاسیر:
جَزَآءٗ وِفَاقًا
Iyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze.
عربی تفاسیر:
إِنَّهُمۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ حِسَابٗا
Mu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire;
عربی تفاسیر:
وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كِذَّابٗا
Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa.
عربی تفاسیر:
وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ كِتَٰبٗا
Ibintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
عربی تفاسیر:
فَذُوقُواْ فَلَن نَّزِيدَكُمۡ إِلَّا عَذَابًا
Kubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi.
عربی تفاسیر:
إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ مَفَازًا
Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru;
عربی تفاسیر:
حَدَآئِقَ وَأَعۡنَٰبٗا
Bazoronkamwo imirima itotahaye hamwe n’imizabibu;
عربی تفاسیر:
وَكَوَاعِبَ أَتۡرَابٗا
N’inkumi zigishinze amabere, ziri mu runganwe rumwe;
عربی تفاسیر:
وَكَأۡسٗا دِهَاقٗا
N’ibirahuri vyuzuye inzoga zitaboreza.
عربی تفاسیر:
لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا كِذَّٰبٗا
Muri ubwo Bwami bw’ijuru, ntibazokwigera bumvamwo amajambo y’imburakimazi, eka ntibazonabeshuzanya.
عربی تفاسیر:
جَزَآءٗ مِّن رَّبِّكَ عَطَآءً حِسَابٗا
Ivyo vyose rero, ni impembo ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, impembo ikwiye ibereye;
عربی تفاسیر:
رَّبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلرَّحۡمَٰنِۖ لَا يَمۡلِكُونَ مِنۡهُ خِطَابٗا
Ni impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;
عربی تفاسیر:
يَوۡمَ يَقُومُ ٱلرُّوحُ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ صَفّٗاۖ لَّا يَتَكَلَّمُونَ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَقَالَ صَوَابٗا
Ku musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye.
عربی تفاسیر:
ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلۡحَقُّۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ مَـَٔابًا
Uwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah.
عربی تفاسیر:
إِنَّآ أَنذَرۡنَٰكُمۡ عَذَابٗا قَرِيبٗا يَوۡمَ يَنظُرُ ٱلۡمَرۡءُ مَا قَدَّمَتۡ يَدَاهُ وَيَقُولُ ٱلۡكَافِرُ يَٰلَيۡتَنِي كُنتُ تُرَٰبَۢا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabagabishije ku bihano biri hafi gushika. Umusi umuntu azobona ivyakozwe n’amaboko yiwe, vyaba ivyiza canke ibibi, maze umugarariji agashoka avuga ati: “Yoo! Amagorwa arama yemwe! Iyo nari gupfuma nibera ivu, simpeze ngo nzuke”.
عربی تفاسیر:
 
معانی کا ترجمہ سورت: سورۂ نبأ
سورتوں کی لسٹ صفحہ نمبر
 
قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - الترجمة الكيروندية - ترجمے کی لسٹ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

بند کریں